Language

Select Wisdom Brand
 
YESU ASIRWA AMAVUTA YO MWIKEBANO (Johana 12:1-11 )

YESU ASIRWA AMAVUTA YO MWIKEBANO (Johana 12:1-11 )

Series: Yohana (John)
Ref: John 12:1–11

YESU ASIRWA AMAVUTA YO MWIKEBANO

John 12:1-11

ijambo ngenderwako : « N’ico uwo akoze na co kizovugwa kibe icibutso ciwe » Matayo 26:13c

I. Intangamarara.

Inkuru y’umugore Della n’umugabo wiwe Jim bari bakijijwe bakundanye cane ariko ari abakene. Icubahiro ca Della yari umushatsi wiwe mwiza cane muremure, umugabo awuravye yaranezererwa. Asokoje bose baramushima. Jim we yaratunze isaha nziza yasigiwe na se, ariko itagira isheni. Rimwe himirije Noweli ; umwe wese yiyumvira mu mutima ingabire yoha umukunzi wiwe.

Della aca aja kumosha wa mushatsi arawugurisha agura isheni y’isaha ; mu rundi ruhanda, Jimi nawe yagurishije ya saha agurira umugore wiwe igisokozo. Iyumvire uko vyagenze bashitse mu rugo. Burya ntihatanga umutunzi. Hatanga umutima ukunze.

II. Ibiranga uyu muryango

Umutima ushima kandi utanga : Aba bavukanyi, babonye Yesu agarutse kubadendera, baramwakira aricara. Naho batari abatunzi, Mariya yamusutse amavuta amoterana ku birenge ayahanaguza umushatsi. Narada ni agati ko mu Buhindi, ayo mavuta abavyeyi bayaraga abana babo. Yafatwa nk’izahabu z’uyu musi. Mu giciro c’ayo mavuta ubu ni 50.000.000 fbu.

Abagore b’Abisirayeli barakunda imishatsi yabo bakayigirira n’isuku. Kubona Mariya ayihanaguza ibirenge vya Yesu, bagashirako bakamuronderera ivyo kurya n’abigishwa biwe cumi na babiri ; wari umuryango wibuka agashima. Lazaro yaciye yicara impande ya yesu. Uku ni ugushinga intahe.

Hariho abantu Imana ikorera ibikomeye, ariko ntibibuke no gushima. Iyo biyumviye kuyishimisha muvyo batunze, umurwanizi abereka ko ari aboro ahubwo bakwiye no gufashwa. Bararima bakeza, bakadanza bakunguka, bagakora bagahembwa ariko vyose biherera mu nda zabo ubwabo. Babona ko gutanga mu rusengero ari konona ubutnzi bw’umuryango. Yuda we ati : « Bayononeye ubusa. » ni wibuke kubika ubutunzi bwawe mw’ijuru aho inyenzi n’ingese bitagera ngo bibwonone.

III. Ivyahishuwe n’uku guhimbaza kwa Mariya. 1.Vyategurira Yesu guhambwa. Aho abandi bashira amashurwe kumva z’ababo, Mariya we asa nuwariko ayamuha mu maboka akiriho.

2. Vyerekanye ukwimikwa nk’Umwami. Abami babimikisha amavuta n’abakuru. Mariya yayamusutse ku birenge, ngo yerekane ko atari umukuru ahubwo ari muto ahishuye uwamaze kwimikwa. 3. Carashize ahabona umutima w’ubukunzi bw’amahera wa Yuda. Raba, Mariya ayatanze yose ariko Yuda we yamaze gukora ibiharuro, abona bari kuyamuha akayabika yomenye ico yikorera n’ingene azobigenza. Imitima itandukanye cane.Uyu mutima nyene niwo wahavuye umukwegera kugurisha Umwana w’Imana bagendanye, bimuviramwo kwiyahura ; ubu akaba ariwe mu ntuma yahejeje nabi. 1 Timo. 6:10 « Kuko gukunda amahera ari imizi y’ibibi, ayo bamwe bipfuje, bakazimira, bagata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi ».Bene aba bantu biyerekana nk’abantu beza, bakundana.

4. Icibutso : Iki gikorwa Mariya yakoze cabaye ico bazohora bamwibukirako uruganwe k’urundi. Nawe ni wibaze ; mbega inyuma yo gupfa kwawe, ni igiki wakoze ukiriho bazosigara bakwibukirako mu muryango canke kw’ishengero ? Ivyo dukora tukiriho, nivyo bihembo vyacu mw’ijuru. ko ukiriho akaryo karacahari tebutsa ukore.

IV. Gushira mu ngiro Mu gihe wakijijwe, ugakora ibikorwa vyiza : Gusenga, guhindura abantu abigishwa ba Yesu, gufasha, … uba uriko uratanga ubumote bwiza mw’isi. • Marita : Atigera aruhishwa n’igikorwa c’umukunzi n’Umwami wiwe; • Lazaro : Umwizigirwa mu gushinga intahe ; • Mariya: Akarorero mu gutanga bitavanye n’ubutunzi.

Ni witegereze ubuzima bw’uyu muryango ; bikubere icirwa. Raba Yuda ivyago yagize kuko yinjiye mu gikorwa c’Umwami Yesu azanye uwundi mutima utandukanye no kwakira ingabire y’ubugingo budashira.

Ibaze ingene uzohagarara imbere y’Imana, atagikorwa wakoze mw’isi ngo kikubere icibutso.Uyu niwo mwanya mwiza wo guhaguruka ugasenga, guhinduka birashoboka, biterwa n’ico umuntu yahisemwo.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.