Language

Select Wisdom Brand
UMUGORE W’UMUSAMARIYAKAZI KW’IRIBA (Yohana 4:7-31)

UMUGORE W’UMUSAMARIYAKAZI KW’IRIBA (Yohana 4:7-31)

Series: Yohana (John)
Ref: John 4:7–31

UMUGORE W’UMUSAMARIYAKAZI KW’IRIBA

Yoh. 4:7-31

Ijambo ngenderwako : "Yemwe abafise inyota, ni muze ku mazi, kandi n’uwudafise amahera na we naze" (Yesaya 55:1).

I. Intangamarara

Umwami Yesu yari aranguruye aja i Galilaya yumva ashatse guca i Samariya. Niho yagera kw’iriba rya Yakobo ahasanga umugore w’umunyasamariyakazi amusaba amazi yo kunywa. Uyu mugore aca atangura kumusigurira ivyo azi nk’ukuri kumibano yari ihasanzwe hagati y’abasamariya n’abayuda. Ibiyago birakomera gushika Yesu ashitse k’untumbero yico kiyago yatanguje. Ukwihana kuwo musamariyakazi, gushinga intahe mu mihana n’umuvyuro mu ba Samariya.

II. Ikiyago cabereye kw’iriba.

Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya, yategerezwa guca i Samariya kuko niho inzira yari isanzwe ica. Yari ahazi umutima urushe ukeneye kubohoka akawuhindura umwigisha wiwe mwiza. Ageze kw’iriba rya Yakoba ahahurira n’umugore w’umusamariya aje kuvoma.

Iri riba ryapima imetero 6 m´ubumanuko. Yesu aramubwira ati : Mpa amazi yo kunywa. Yesu nta mugozi yarafise ngo yivomere. Vyatangaje uyu mugore kubona amusaba amazi kandi ari umusamariya nawe ari umuyuda. Ibi vyatanguye kuva igihe umuryango wa Israyeyi wicamwo kubiri, imiryango ibiri (uwabayuda n’uwabenyamini) ikaba uruhande rumwe bitwa Abayuda. Iyindi miryango cumi urundi ruhande bakitwa Ab’Israyeli. Babise abi Samariya kuko bifatanije nabo

kandi bagakora ivy’imigenzo yabo mibi mu maso y’Imana. Ugusenga kwabo kwari gutandukaneye kuko aba Samariya baranasenga izindi mana. Abayuda bo bagumije imigenzo ya Mose

Kuri Yesu mu gikorwa ciwe co kurokora abantu, ivy’amacakubiri ntiyabiha agaciri. Kuri we abazungu, abirabura, abatunzi, abakene... bose ni abagaciro mu nyonga z’Imana. Hari naho yasavye indaro abasamariya barayimwima ariko ntivyamubujije kuhagaruka.

Umwami Yesu yabwiye uyo mugore ngo : « Iyo umenya uwugusavye amazi …. nanje nkaguha amazi y’ubugingo. » Uku niko abenshi bataratahura ko amazi y’ubugingo yatanzwe muri Yesu Kristo. Yesu yarahamagaye ati : « Abanyotewe ni muze kunywa ku mazi y’Ubugingo » amahoro, umunezero, umugisha,agakiza… Vyose ntahandi twobisanga atari kwa Yesu. Imbi z’amazi y’ubugingo zaratanzwe kuri abo bose bavyipfuje. Ni Mpwemu Yera yasutswe kubari n’umubiri bose bemeye kumwizera no kumwakira.

III. Ukwizera k’uyu mugore

Umugambi wa Yesu mu gutanguza iki kiyago n’uyu mugore, kwari kugira ahinduke kandi ace amubera icuririzo kugira ahindura n’abandi basamariya benshi kuko vyari bigoye ko Yesu ajayo narirya yari Umuyuda kandi batomwemeye. Ikibitwera ni uko ibiyago vyarinze birangira atamuhaye y’amazi yamusaba. Yabwiye intumwa ko ati indrya zanje ni ugukora ico uwantumye agomba.

Wa mugore abwira Yesu ati : « Mwami mpa rero ayo mazi, sinzogire inyota kandi sinzogaruke kuvoma. » iki nico uyu mugore yarakeneye kugira ubuzima bwiwe buhinduke. Yari umugore w’abagabo benshi barenga batanu, uwaza wese yaramwakira, yari arushe yarakeneye icomumara iyo nyota. Ibi navyo Yesu yari abimuziko kuko ata caha kinyegejwe imbere y’Imana. Abantu benshi bararuhijwe n’imitwaro bikoreye vyabananiye kuyizanira Yesu ngo abaruhure.

IV. Gusengera m’Ukuri no mu Mpwemu.

Umur. 23 : « Ariko igihe kiza kandi kirashitse, aho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu Mpwemu no m’ukuri. » abasamariya bari barubatse insengero k’umusozi Gerizimu hafi y’iri riba rya Yakobo kandi bakabishiramwo umwete. Ibi rero vyarabaye akaranda gakomeye ku bantu ndetse n’amashengero amwe amwe aho usanga barashinze imigenzo kanaka bategerezwa gukurikiza ngo bibafasha

kwegera Imana. barashizeho : Ivyambarwa , imisi yogusenga, imisozi yo gusengerako,… biyumvira ko bumvirwa bakurikije iyo migenzo.

Ukuri : Yesu niwe kuri. Umunyakinyoma nta mugabane ateze mu bwami kwa Data

Mpwemu : Abarongorwa na Mpwemu w’Imana nibo bana bayo. Kubera ko Ivyari amategeko bitashikanye abantu kukugororoka, Yesu ashinga ko abantu bose basenga barongowe na Mpwemu.

V. Umusamariyakazi ahindutse, ahindura abandi

Uyu mugore amaze kubona ko uwo bariko barayaga ashobora kuba ari we Mesiya, arizera. Arahinduka. Aca siga umubindi wiwe hano, arirukanga gukwiza ubutumwa bwiza mu kibano iwabo, nabo baza ari benshi bizera Yesu. Soma : Yoh. 4:39-42. Yabaye umwigishwa mwiza cane ahinduka nawe agahindura abandi.

VI. Gushira mu ngiro.

Umukiza arahamagara abafise inyota, kandi n’udafise amahera nawe naze agure arye ata mahera atanze. Ingabire y’amazi y’ubugingo yaratanzwe k’ubuntu ; niyo Mpwemu w’Imana ihabwa abamwakiriye. Nta mafaranga bigusaba. Abamufise nibo bana bayo. N’ubu arahamagara abo bose bagifise inyota y’ivyisi ati ni muze iwanje murashira iyo nyota mwuzure Mpwemu wanje. Nyuma yaho muheze mushingire intahe ijambo ryanje mubiwanyu.

Birashoboka ko woba unyotewe agakiza gashitse no kubatizwa na Mpwemu w’Imana, urashobora guhaguruka ubu nyene ugasenga Umwami Yesu ariho n’ubu arakumara iyo nyota aguhe ubugingo budashira. Amen

Add a Comment