Language

Select Wisdom Brand
 
UGUTSINDANISHIRIZWA N’UKWEZWA (Yohana 15:1-8)

UGUTSINDANISHIRIZWA N’UKWEZWA (Yohana 15:1-8)

Series: Yohana (John)
Ref: John 15:1–8

UGUTSINDANISHIRIZWA N’UKWEZWA

Yohan. 15:1-8; Abaroma 3:28-30.

Ijambo ngenderwako: “kuko Imana itaduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.” 1Tesal.4:7

I. Intangamarara.

Yesu ayaga n’abigishwa biwe, afatiye ku karorero k’umuzabibu n’amashami yawo. Nkuko amashami ataco yobasha yikuye ku gishitsi, niko nabo ataco boshoboye batamuise. Aranababwira : Yoh14 :3. « N’ubu mwebwe mumaze kwezwa kubwo ijambo nababwiye. »

II. Ugutsindanishirizwa

Ijambo ry’Imana ryashitse mu bihugu bitari bike vyo muri Amerika mu gihe c’ubukoroni. Mu Burundi umumisiyoneri wa mbere w’umudagi yahashitse 1903. Muri ivyo bihe abantu barumva ko hari imana ariko ntibashobore gutandukanya imana y’umwijima n’Imana yaremye ijuru n’isi “UHORAHO” nico catuma bironderera izindi mana bakaba arizo basenga. Izo nazo zaba ari intumwa za satani.

Hari umusore yari umwicanyi rurangiranwa muri Amerika, rimwe arafatwa yishe umuryango wose, atererwa mu gasho. Haza abakozi b’Imana kuvuga ubutumwa. Ababonya, araboroga, ararira, asaba ngo bamusengere Imana imubabarire. Baramusengera araharirwa.

Uyo mwicanyi azorenguka imbere y’Imana ku munsi w’amateka, ntazobonekako icaha c’ubwicanyi canke icaha icarico cose. Ariko azoboneka ari umugororotsi muri Kristo. Data azoraba mu mutima wiwe abone Yesu Krsto. Kubw’iyo izomubwira iti, “kaze munzu yanjeˮ.

Bibiliya yita uru ruhererekane “ugutsindanishirizwaˮ. Ivyaha ntibiboneka, haboneka Kristo.

2

Ugutsindanishirizwa niryo jambo ry’amategeko rya Bibiliya risigura “gukizwaˮ. Uva mugitigiri c’abansi b’Imana uguhabwa ububasha bwo gucika umwana w’Imana.

Igihe watsinanishirjwe, urubanza hamwe n’igihano c’icaha cawe gikurwaho, hama ugahabwa ukugororoka kwa Kristo.

Muyandi majambo, iyo Imana Data iravye mu mutima wawe, mugishingo c’ububi bw’ivyaha vyawe, ibona ukugororoka k’ Umwana wayo.

Uwurerwa ahagarara muri Sentare akarindira ko abacamanza bavuga urubanza rwiwe. Umucamanza mukuru ahagurutse akavuga ngo “ Areraˮ, uwo muntu aho nyene aba acitse uwutagira ikimwagira kubirego vyose vyari bimuraba. Aca asohoka muri sentare ari uwidegemvya. Aba yatsindanishirijwe. Ntibisigura ko atakoze icaha, yarabikoze ariko Yesu yarabisiguye ariha indishi zose zasabwa.

Abaroma 3:24 haravuga ko: “batsindanishirizwa n’ubuntu bwayo ibibahereye ubusa, kubwo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesuˮ.

III. Ukwezwa

Uyu muntu yasohotse muri Sentare yejejwe ku vyaha vyiwe. Vyoshoboka ko yoba yiyorobetse, yirabitse. Ivyaha vyiwe akaba azosubira kubikora aronse akaryo. Vyararavye ntivyarandutse, ntiyabipfuyeko. Ico gihe abantu bazosubira babone ivyamwa bibi vyiwe vy’ubwicayi. Aracakeneye ukwezwa.

Hari isano hagati y’ugutsindanishirizwa no kwezwa.

IV. Ikigereranyo.

Igiti kirakura kikagera aho abantu babona ivyamwa vyaco. Ibi vyamwa biba vyakuye ubuzima mu mizi yaco. Iyo giciwe ntikirandurwe imizi, barasubira kubona vya vyamwa nyene inyuma y’igihe kikanaka.

Iyo umuntu yatuye ivyaha vyiwe, arababarirwa akumva amahoro, aba atsindanishirijwe kuko vya vyaha vyose bishirwa kuri Yesu. Ivyamwa vya kera ntibisubira kumubonekako. Ariko mugihe adashitse aho arandura imizi yico caha, kirasubira kikanaga, akabisubiramwo. Ntaba yararanduye imizi y’ico caha.

Ukwezwa ni gushikira urugero rwaho umuntu aba yararanduye burundu kameremere k’icaha yahora akora, ntabe akinumva kimumotera. Yiyambuye umuntu wa kera n’ibikorwa vyiwe.

3

V. Gushira mu ngiro.

Ugutsindanishirizwa n’ukwezwa birashoboka igihe cose ubigomvye. Bikorwa k’ubuntu n’Umwami Yesu mu buzima bwawe, bigaterwa n’ico wahisemwo. Niba wipfuza gushikira ubu buzima, shira umutima mu guheba ico cose cagutandukanya n’Imana. Ntiyaduhamagariye guhumana, yaduhamagariye kwezwa tugahinduka abigishwa biwe b’ukuri. Niba wumva ugifise inyuta yo kwezwa, woshirako ubu nyene ugasenga, Yesu arabigukorera.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.