Language

Select Wisdom Brand
 
UGUCUNGURWA KW’IBIHE VYOSE (Yohana 8:1-12)

UGUCUNGURWA KW’IBIHE VYOSE (Yohana 8:1-12)

Series: Yohana (John)
Ref: John 8:1–12

UGUCUNGURWA KW’IBIHE VYOSE

Yoh. 8:1-12

Ijambo ryo gufata k’umutwe : « Harahiriwe abahiriwe ibigabitanyo vyabo bigatwikirwa » Abaroma 4 :7

I. Intangamarara.

Uyu mugore yagize isanganya mu bikorwa vyiwe yama akora vyo gusambana, arafatwa n’abagabo n’abana. Nta kindi cari gisigaye atari kumuzana ngo aciribwe urubanza hakurikijwe ivyagezwe vya Mose. Abalew. 20 :10 « Umuntu ni yasambana n’umugore w’uwundi, agasambana na muka mugenzi we, uwo musambanyi n’uwo musambanyikazi ntibaze babure kwicwa. » Amahirwe y’uyu mugore, asanga bamuzaniye umucunguzi w’abantu ; atitaye kuvyagezwe, ahubwo arondera gukiza umutima w’umuntu.

II. Ni ibihe vyaha Yesu yacunguye ?

Igihe yari k’umusaraba, Umwami Yesu yacunguye abantu ivyaha vy’ubwoko bwose kuri bose. Hari abafise amakenga ko hoba hari ivyaha bitoharirwa n’Imana. Umuntu yacunguwe ku caha cose gikorwa n’umuntu muri iyi si. Ibi binyuranye n’ivyagezwe/amategeko. Woshobora gusambana, ubutungane bukagucira ibihano vyo gufungwa n’amande ariko, imbere y’Imana warahariwe umusi waca bugufi ukihana mu mutima.

III. Yafatanywe itonga mu ntoke. Ni abantu bangahe basambana mw’isi ?

Iyi nkuru itwereka uyu mugore yafashwe imbonankubone asambana, ikatwereka n’ubuntu yagiriwe n’umwami Yesu. Abagabo n’abana batora amabuye ngo bayamutere bamwice. Nyuma y’ikibazo babajijwe, bose baronjora umwe umwe. Aha niho tubona ko abantu bose bokwagirizwa ubusambanyi.

Umwami Yesu ubwiwe yavuze ko nuwitegereje umugore wuwundi akamwipfuza aba asambanye nawe. Uyu mugore yarafashwe koko ariko ; abatarafatwa nibo benshi kuko ibibera mu mitima y’abantu nivyo vyinshi. Nico gituma abantu twese dukeneye ubuntu n’imbabazi vy’Imana.

IV. Ni nde yohabwa ubwo buntu bw’Imana ?

Uwokwakira ubwo buntu bw’Imana ni uyo wese abwipfuza, atiyita umugororotsi ngo atondane amabuye yo gutera abandi, akumva yokwegera Imana gusumba uko yahora. Abo bafarizayo babajije Yesu bati : « Weho uvuga iki ?» bari bazi ico ivyagezwe bibivugako, kandi babona ko Yesu ataronka ico abishura. Biraba, bumva ari abagororotsi. Bumvise irivuzwe na nyen’ubuntu, umwe wese yavugana n’umutima wiwe, baca basanga nabo nyene bohava baterwa amabuye igihe ivyabo vyoja ahabona. Bari bakeneye ubuntu buva kuri Kristo.

Iyo Yesu avuga ko adakwiye guterwa amabuye ; bamwagiriza kutubaha ivyagezwe. Iyo abemerera kuyamutera ; nawe nyene baca bayamutera kuko yagirijwe kwicisha umuntu. Urahora witonda mu kwishura ikibazo ubajijwe. Aca yandika hasi. Ijamabo yaditse ryinjira mu mitima yabo, baca barimenya abo aribo koko. Yesu avuze, womenya uwo uriwe.

V. Kubera iki Imana yatanze ivyagezwe 613 ?

Ivyagezwe bijana n’ibihano. Imana yatanze ivyagezwe 613 kugira twese tumenye ko turi abanyavyaha kuva mu mutwenzi gushika k’umugoroba. Naho woba uryamye, biragoye ko ryorenga udacumuye kuri na kimwe muri ibi. Woba ukwiye guterwa amabuye. Ivyagezwe biratwibutsa ivyaha ariko, Yesu niwe aduha agakiza tukabinesha.

VI. Ivyaha vy’umuntu vyanditswe he ?

Yesu arababwira ati: “Uwutagira icaha muri mwebwe nabe ariwe abanza kumutera ibuye” fata ko Yesu ahagaze aha hagati abajije iki kibazo. Uraca ukora iki ? Imana umuremyi wacu yandika ivyaha vy’abantu ahantu habiri :

1. ku bisate arivyo mitima yabo : soma Yerem 17:1. Iki nico catumye aba bemera ko ari abanyakabi batarinze kubisoma ahandi hantu. Umuntu wese arashobora gusoma ivyaha vyanditse k’umutima wiwe akamenya ko azoja mw’ijuru canke atazojayo. Iyo wumva ukekeranya, nivyo bica bikumenyesha ko utari mubazojayo.

2. Mu gitabo kiri mw’ijuru : soma Ivyahish. 20:12 ibikorwa vyose vyiza canke bibi birandikwa mu bitabo biri mw’ijuru. Ibi bizotuma umuntu wese acirirwa urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze.

VII. Gushira mu ngiro.

« Nanje sindaguciriye urubanza. Ni wigire, guhera ubu ntuzosubire gukora icaha » Biraboneka ko uyu mugore yari yaciye bugufi ari mu birenge vya Yesu ; yahumirije yemera ko agomba gupfa kuko we ntiyaronse n’akaryo ko gusoma ivyo Yesu yanditse hasi. Ico gihe bishoboka ko Yivugana ati : « Mbabarira Yesu ubusambanyi bwanje, ndacashaka urukundo rwawe, hamwe womparira sinzosubira. » Yesu yari yabonye ukwihana ko mu mutima wiwe. Ntiyitayeho ivyo kumucira urubanza nk’abo bandi.

Ariko ayaga na Yesu, abona Yesu nta mabuye afise mu maboko. Araremerana, aranezererwa. Aramubwira ko ata rubanza amucira. Amusaba ko atozosubira gukora ivyaha. Vyumvikana ko uretse urupfu rwo mu mubiri ; yozohava apfa urupfu rwa kabiri.

Uyu musi nawe urashobora kubwira Yesu uti : « Erega ntakindi mfise nokwereka uretse ivyaha vyanje. None ngirira ikigongwe. Wohaguruka ugasenga ubu nyene urahabwa ubugingo buhorahho, shibura ivyo bibuye utengase kuko ivyawe nawe si bike.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.