Language

Select Wisdom Brand
 
UBURONGOZI BUKORERA ABANDI (Yohana 13:1-17)

UBURONGOZI BUKORERA ABANDI (Yohana 13:1-17)

Series: Yohana (John)
Ref: John 13:1–17

UBURONGOZI BUKORERA ABANDI

Ijambo ryo gufata k’umutwe : « Nuko uwuzokwicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu bwami bwo mw’ijuru » Mat. 18:4.

Yohana 13:1-17

I. Intangamarara.

Ummami Yesu yari amaranye imyaka irenga itatu n’abigishwa biwe abigisha kugira baze basigarane igikorwa amaze gusubira kwa se. Igihe ciwe co kubambwa cegereje ; ariko arasangira n’abigishwa biwe ; ava hasi mw’iriro, yakira igitambara arakenyera. Araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa, no kubihanaguza ca gitambara akenyeje. Mu mico y’Abayuda, baritaho isuku ry’umubiri cane kuko bemeza ko bifitaniye isano n’isuku ry’umutima. Kubera ko bamwe bambara isandale canke bakagenda uko ; bashika ibirenge vyuzuye ivumbi.

Igihe cose bene urugo (umugabo canke umugore) baba bashitse mu rugo ; abagurano babo bihutira kuzana ibakure yuzuye amazi n’agatanbara bakaboza ibirenge neza bakabahanagura. Cari igikorwa bategerezwa gukora imisi yose kugira bame bibuka ko ari abagurano atari abana muri urwo rugo.

II. Kubera iki Yesu yogeje ibirenge intumwa ziwe imbere yuko abambwa ?

Yesu yabogeje ibirenge ashaka kubatahuza agakiza kuzuye ko ari aho umuntu aba ageza aho yicisha bugufi ndetse no mubo asumba akabakorera igikorwa nk’ico. Muri Yoh 13:12 Yesu yarababajije ati : « Muratahuye ico ndabakoreye ? » Ntahandi bari bwigere babona bene uko kwicisha bugufi. Aho Uwo wita Databuja ariwe yoza ibirenge abatwarwa biwe canke mbera abakozi biwe. Ni naco catumye Petero amugora cane ko yomwoza. Yesu yatanze akarorero k’umurongozi mwiza.

III. Ni ibiki biranga umurongozi akorera abandi

Umwami Yesu yahaye aka karorero intumwa ziwe 12, ariko imbere yuko aduga mw’ijuru yababwiye ko bategererezwa kuzokwigisha abandi ivyo kwitondera ivyo yabageze vyose. Aba nabo barabikoze gushika aho haboneka amashengero ya Kristo. Amashengero nayo agizwe n’ingo z’abizera (Umugabo, umugore n’abana) uburongozi bwiza butangurira mu ngo z’abizera. Umugabo niwe mutwe w’urugo. 1 Kor. 11:12. « Nk’uko umugore yamutse k’umugabo, niko umugabo avyarwa n’umugore ariko vyose vyamuka ku Mana. »

Umwe wese muri aba ni umurongozi w’urugo. Umurongozi mwiza yitaho abandi. Ntiyitaho inyungu ziwe gusa. Yitaho iza bose. Ni umuntu ashobora kwitanga kugira ngo abandi bamererwe neza. Nta cobuza ko umugore yoza ibirenge vy’umugabo wiwe nkuko n’umugabo asabwa koza ibirenge vy’umugore wiwe.

Ni vyiza ko umwe wese muri aba abona hakiri kare ko impuzu z’uwundi canke izabana zacafuye akazimesura. Ibikoresho vyo mugikoni bakabitegurira hamwe ; hagize uwuhezagirwa mu buryo bw’amafaranga nagurire uwundi ico atari yiteze (Surprise). Birakwiye ko umugore n’umugabo bategura ahantu habonwa n’abantu benshi bahatemberera, bafise ikinyobwa bakanywa. Igihe bimeze gutrya, n’uburongozi bwo mw’ishengero bumera neza. Nkuko vyagoye gutahura intumwa za Kristo, n’ubu hari abizera batarashobora kubitahura.Umurongozi akorera abansi si uwikunda.

IV. None umuntu wese arashobora kuba umurongozi ?

Ego cane, twese turafise ubushobozi bw’ukuba abarongozi. Ariko, hariho aboroherwa n’ukuba abarongozi kurusha abandi, bivanye n’impano bavukanye. Hariho nk’abantu basanzwe boroherwa mu kuvuga bashwashwanutse ; abo, iyo bafise imigambi myiza, biroroshe ko baba abarongozi. N’abadafise iyo mpano, baba bafise izindi mpano zotuma baba abarongozi bakorera abandi.

Mu burongozi mu mashengero, Imana yama isaba abana ba Isirayeli kubaha abaherezi. Gus.12:19 <<Igihe cose muzomara mukiri mu gihugu canyu muzokwirinde ntimupfe uko mufashe umuherezi.>>. Ni co gitumwa abarongozi betemerwa ko dupfa uko tubafashe.

V. Gushira mu ngiro.

Vyahimbaye Umwami Yesu ko yigisha iki cirwa abigishwa biwe abiberetse ; arababwira ati : « Munyita mwigisha na shobuja, kandi mubivugako kuko ariko ndi. Nuko rero, ko jewe ndabogeje ibirenge, ndi shobuja n’umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. Yoh. 13:13-14. Iki gihe nawe waramaze gucika

umwigishwa wa Kristo ; none rero urakwiye gutera intambuko mu kubikora nkuko Yesu yabitegetse. Twizera ko kuva ucumva iki cirwa, wosenga kugira Umwami Yesu aguhe ingabire yo kwicisha bugufi ukaba umurongozi akorera abandi haba mu rugo rwawe canke mu bikorwa wahawe mwishengero. Ni wicisha bugufi nk’umwana muto, niho uzoba mukuru mu bwami bwo mw’ijuru.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.