UBUKWE BW’I KANA. / UKWIZERA KWA MARIYA (Yohana 2:1-11)
UBUKWE BW’I KANA. / UKWIZERA KWA MARIYA
Yohana 2:1-11
Ijambo ngenderwako : « Mbega ko nabanye nawe igihe kingana gitryo, nturakaruha umenya ga Filipo ? » Yohan. 14:9b
I. Intangamarara Nkuko vyamye, imiryango yaratumiranira mu manza z’ubukwe bwo kurongora canke kurongoza. Aha muri iki gisagara hari urubanza rw’ubukwe. Mariya na Yesu baratumirwa mu ruhande rw’umukwe. Yesu yajanye n’abigishwa biwe.
Ibikorwa vya Kristo vyabonekamwo : ibitangaza, utwumiza n’ibimenyetso. Aha i Kana habaye ikimenyetso. Yabikoze ngo amenyekanishe ubwiza bwiwe kandi n’abigishwa biwe babone ikibemeza ko ari we Kristo, bamwizere.
II. Ishusho y’ubukwe.
Ukuza kwa Mesiya kugereranya n’ubukwe bw’umusore n’inkumi. Yes 62:5 « Nk’uko umusore arongora inkumi, niko abakubamwo bazokurongora ewe Yerusalemu, kandi nk’uko umukwe anezerererwa umugeni, ni ko Imana yawe izokunezerererwa. » Mat. 22:8-9 « ubukwe burateguwe…baze babutahe. » Ni naco catumye Kristo atanguza kwerekanira ibimenyetso mu bukwe.
Muri iki gihe umusore yarashobora kumenya uwo abavyeyi bamushimiye. Bamaze gutanga inkwano, baca bategura urubanza. Cari ikidakorwa kwiyumvira kurongora inkwano zitaratangwa. Mu migenzo y’aba Kristo, uwutarariha inkwano ntakwiye guhabwa ijambo. Hari ibihugu atemerewa no kuja kuroreza umupira w’amaguru kukibuga. Ubukwe bwaba urubanza runini kandi bwatangura k’umugoroba. Umukobwa yava iwabo yambaye neza n’urugori rw’amashurwe mu mutwe bakamuzana mu nzu y’umusore, abatumiwe bagahaguruka bagakoma amashi. Uku niko bizoba Yesu atwaye umugeniwiwe.
III. Umuvinyu urakamye
Abenshi barakunda gukoresha umuvinyu mu manza. Uyu muvinyu bawukunda kuko wari umuti ku barwaye inrwara zo munda n’ibikomere. Nico catumye Pawulo yemerera Timoteyo kunywa umuvinyu muke, atiri kuntumbero yo kwinezereza ; ariko kuko yari arwaye ibikomere muri Estoma.
Wa musamaliya w’imbabazi niwo yokeresheje mu kuvura uwakomerekejwe n’abambuzi. Luk. 10:34a « Aramwegera, amupfuka inguma, amusomoza amavuta ya Elayo n’umuvinyu,… » Ni ivyumvikana ko atawokoresha inzoga zo mu bubare mu kuvura ibikomere. Aba bavuze ko uwo bahawe na Yesu uryoshe kuko we yabahaye uwudasa n’uwo basanzwe bakora barinze kuberera. Ijambo ry’Imana rirabuza ibiboreza. 1 Tesal. 5:6 « … ariko twame tugavye, twirinde ibiboreza. »
IV. Igisabo ca Mariya.
Cari igitutsi k’umuryango w’umuhungu, ibinyobwa guhera ; urubanza rukibandanya. Mariya ntiyagiye k’umugabo wiwe Yosefu ngo agire ico amusaba gufasha. Yashikiriye umwana wiwe Yesu kuko yari asanzwe amuzimwo ububasha. Yesu yamwishuye ngo duhuriye he ga muvyeyi ? Aha niho amashengero amwe ahera amwita umwamikazi w’ijuru. Bizera ko ashobora no kubasabira kuri Kristo. Baremeza ko yagumanije ubusugi bwiwe. Ni ubuzimire kuko ; yabana n’umugabo bashingiwe. Kandi nta rindi zina ryahawe abantu munsi y’ijuru atari irya Yesu. Ntawundi yumva ibisabisho vy’abantu atari Kristo. Mariya yarapfuye ntakiri kw’isi. Yicaye mu gikiriza ca Aburahamu. Ntiyahawe igikorwa co kuvugira abantu bakiriho.
Iyi ngorane yo guhera kw’ibinyobwa ; yatewe n’umbwinshi bw’abantu muri uru rubanza. Nico gituma ishengero risaba uwutegura ubukwe, kwisunga uburyo afise. Bibaye ngombwa, ubugeni barabuhezagirira mu hira iwe naho hoba k’umugoroba bavuye mu bikorwa vyabo. Haca hakoreshwa uburyo buke. Igikenewe ni uko aba yaratanze inkwano agashingirwa muri Leta. Igikorwa c’ishengero ni uguhezagira ubukwe. Ugusesagura ni igicumuro.
V. Ico ababwira mugikore. Igiki ? Na Mariya ntiyari azi ingene aza kubigeza ngo umuvinyu uboneke ariko, yari yizeye ko uko yobigenza kose, awuronka aho nyene atarinze no guhaguruka. Vyatewe nuko babana nawe kandi amwizeye. N’aba bakozi ntibatinye kudaha ayo
mazi bahejeje gushira mu mubindi ; bakayashira umuteretsi. Nabo bari bizeye. Iyumvire ingaruka iyo asanga bamuhaye amazi. Nico gituma nawe niba ubana na Yesu ; usabwa ku mumenya neza ukamwizera.
VI. Gushira mu ngiro Ni kenshi umuntu aba mu bibazo vyo kubura (amafaranga, uruvyaro, amagara meza, aho kuba, imyambaro…) nta wundi wo kubitura atari Yesu. Uko yujuje imibindi igaragara umuvinyu ; niko azokuzuza umunezero umutima wawe mu kuguha ico umusavye.
Ntibikwiye ko umera nka Filipo yabanye na Kristo igihe kingana gitryo, akaba atari bwa mumenye. Musabe udakekeranya nkuko Mariya yabikoze. Nk’uko igikorwa ciwe catanguriye k’ubukwe niko kizosozererwa n’ubukwe bwiwe n’umugeni yakoye. Uyo ni wewe wewe wamwizeye. Ico agusaba gukora ni ukumwumvira ; ugasenga akagukiza ivyaha.
Niba wipfuza kuzoba muri ubwo bukwe, birashoboka. Ugusenga ni amababa ajana ivyo usaba mw’ijuru. Bikore ubu nyene.
Add a Comment