Language

Select Wisdom Brand
 
NGUYU MWAMI W’AMAHORO ARAJE ​​​​​​​(Yohana 12:12-19)

NGUYU MWAMI W’AMAHORO ARAJE ​​​​​​​(Yohana 12:12-19)

Series: Yohana (John)
Ref: John 12:12–19

NGUYU MWAMI W’AMAHORO ARAJE

Yohana 12:12-19

Ijambo ngenderwako : « Kandi indimi zose zize zature yuko Yesu ari Uhoraho, ngo biheshe Imana icubahiro » Abo i Filipi 2:11

I. Uko abantu bakiriye Yesu

Igihe kirageze, abantu bamaze gutahura Yesu kristo uwariwe. Aha bari baje mu gikorane ca Pasika i Yerusalemu; bari benshi. Bamenya ko Yesu aza kuhaza. Baramutegera basasa amashami y’ibigazi mu nzira, basemerera bati : « Hoziyana hashemezwe uwuje mw’izi ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli. » Hoziyana ni ijambo ry’ikigiriki risigura « Dukize ubu nyene » abisirayeli bizera ko Yesu aje kubakurako intwaro y’abaroma yari ibabangamiye. Ni iyahe nsiguro y’ibi bakoze ?

1.Iki bakoze cari igikorwa cakorerwa Abami gusa. Mu mico y’Abayuda, Amashami y’ibigazi cari ikimenyetso ceranda kandi c’intsinzi. Igihe Titus yasambura Yerusalemu, hariho ikimenyetso c’umuntu yicaye munsi y’ikigazi. Cari icibutso c’igihe Abisirayeli bari abaja muri Egiputa, none bicaye mu mahoro. Mu vyahishuwe Yohana yabonye abantu benshi, bo mu moko yose

banesheje Satani, bafise amashami y’ibigazi mu ntoke basemerera n’amajwi arenga bahimbaza Imana. intsinzi.

Kubona abantu barubahutse badatinya Abafarizayo, bakamusasira aya mashami y’ibigazi, vyerekana ko batashima ibikorwa vy’intwaro y’Abaroma none bahimbawe n’ibikorwa vya Yesu.

2. Ikindi bakoze ; bavuze ngo :´ Hashemezwe uwuje mw’izi ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli. Bakiriye Yesu nk’Umwami kandi babikoze ku murango, babikorera ku murwa wera Yerusalemu, nawe yicara ku nyana y’indogoba itambukira aho bashashe. Aya majambo yari nk’icumu mu matwi y’abatware babo. Inyana y’indogoba cari ikimenyetso c’Ubwami bw’amahoro.

Aha basa nabariko basaba ko Umwami ahari atanga imihoho kuko habonetse uwundi arungitswe n’Imana. Abantu bakiriye Yesu nk’Umwami, Umucunguzi, Umwana w’Imana kandi Umwami w’amahoro aje avuye mw’ijuru

II. Uko abakuru b’idini bakiriye Yesu.

Yoh 11:53 « Nuko bahera uwo musi baja inama yo kumwica. »

Yoh 12:10« Ariko abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we »

Aya majambo arerekana imitima yaba bakuru b’idini. Ubwicanyi gusa kandi bibujijwe mu mabwirizwa y’Imana bambaye mu mazosi yabo. Gushika aho babwirana ku murongo wa 19 ngo : « Murabona ko ataco mumaze, raba isi yose yamukurikiye. » Bibaza ko boshoboye guhagarika umugambi w’Imana. Luka 19:40 « Arabishura ati ; ndababwire, aba ni bahora, amabuye arasemerera. » Abakuru b’idini bakirije Yesu inkota ikarishe.

Ibi bisa n’umuntu yanka gukorera Imana muvyo ashoboye yibaza ko bica bikagenda nabi. Ni ukwihenda. Imana ifise inzira nyishi kugira ibikorwa vyayo bigende neza. Ni nk’igihe wokwanka gukizwa, abazoja mw’ijuru bazoboneka. Kora neza kandi vyinshi ukiriho kuko ubifisemwo inyungu.

III. Uko abanyamahanga b’Abagiriki bakiriye Yesu.

Soma Yoh. 12:20-22. Vyoshoboka ko Filipo na Andereya bibwiye bati : Aba banyavyaha nta burenganzira bafise bwo kuraba Mesiya ; mbe hoho bamuronderera iki ? Ntibari bwatahure ko Yesu yazanywe n’abanyavyaha.

Mu bantu iyo uri umutware ; si uwariwe wese yemerewe kukubona. Urasaba umubonano canke ugatora akanimero. Yesu yashize hasi icubahiro, yemera kwinganisha n’abantu kugira ngo abahe ubugingo budashira.

Abagiriki co kimwe n’abandi baboneka ari abakengeretse nibo bakunda kwirabira Yesu. Abatware b’isi abenshi baramukengera. Abanyamahanga bakiriye Yesu mu kumuronderana umwete. Bahisemwo neza. Ibindi vyose vyo mw’isi wobamwo, bitera umubabaro gusa nta amahoro bitanga.

IV. Gushira mungiro.

Igihe Yesu yagera i Yerusalemu, abatware baho baramwanse bashaka kumwicana na Lazaro, ariko igihe azogarukira ntaburenganzira bazoba bafise bwo kugira ico bamuvugako. Naho abatware n’abatunzi bamwakiriye nabi, abakene n’abanyamahanga baramwakiye neza bituma bahabwa ingabire y’ubugingo budashira.

Ico wokora ubu nyene ni uko wimika Yesu mu mutima wawe akaba Umwami wawe. Ugasa n’uwumusasira amababi y’ibigazi mu mutima wawe vyerekana icubahiro c’Umwami wawe. Ivyahuwe 1:7 « Ehe arazanana n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomwibonera, n’abamucumise bazomubona ; kandi amoko yose yo mw’isi azoborogeshwa na we. » Niba ugomba kutazoba mu baboroga, woshobora guhaguruka ugasenga ; ni umwizigirwa arakwemera ubu nyene.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.