Language

Select Wisdom Brand
 
NDI HANO NK’UMWAMI … NI MUMPAMBE. (Yohana 12:22-33)

NDI HANO NK’UMWAMI … NI MUMPAMBE. (Yohana 12:22-33)

Series: Yohana (John)
Ref: John 12:22–33

NDI HANO NK’UMWAMI … NI MUMPAMBE.

Yohana 12:22-33

Ijambo ngenderwako : « Ariko ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira ko ari ubuhombe kubwa Kristo » Abo I Filipi 3 :7

I. Intumbero y’Imana.

Umuntu akiriho, aba afise intumbero y’ubuzima ashaka kuzoshikako. Haraho vyoroha mu kubishikako canke bikagora. Hamwe n’ivyo, kirazira guheba ico

umutima wawe wipfuje kugerako. Iyo unaniwe, bigusaba kwiga icabiteye, ukagikosora ; hanyuma ugasubiramwo.Imana mu kurungika Yesu mw’isi yari ifise intumbero zibiri :

1.Guhindura inyubako y’ibikorwa vyayo uko vyakorwa n’Abayuda kuko bakurikiza isezerano rya kera. Aho vyose vyaca mu bimenyetso biboneka nko kumene amaraso y’ibikoko kugira abantu baharirwe, imyambaro,… ivya igitutu akabihishura, abantu bakarongorwa n’ukwizera, agatanga Mpwemu Yera nk’umufasha.

2. Ikindi kwari ugukuraho ukwikumirako aho Abisirayeli bari bazi ko Uhoraho ari Imana yabo bonyene. Ntibemera no gusangira n’uwundi muntu. Iyi ntumbero y’Imana ku bantu yafasha bose kwiyumva ko baremwe kandi bakundwa n’Imana.

Mukubishikako vyasaba ko Yesu aza mw’isi, akigisha inyigisho zishasha, agakora ibimenyetso babona, agatako akabambwa kugira amene amaraso yiwe kubw’abantu bose, agapfa, akazuka, akaduga mw’ijuru hanyuma akarungikira Mpwemu yera abamwizeye.

Yoh 2:4b havuga ngo : « Igihe canje ntikiragera » ; Yoh 8:20b « Nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwagere. » Yoh. 12: « igihe kirageze » igihe c’iki ? «C’uko Umwana w’umuntu ahabwa ubwiza bwiwe. » gushikira ubu bwiza, ntivyari vyoroshe. Umur 27: « Umutima wanje urahagaze ; none mvuge iki ? Mvuge nti Data nunkize iki gihe ; yamara nico canzanye. » 28. « Data shimagiza izina ryawe, Data nawe ngo ndarishimagije. » Bisigura ngo vyose narabikoze, itegura winjire mu gikorwa cakujanye. Mur wa 33 : « Nanje ninamanikwa hejuru y’isi ; nzokwikwegerako bose. »Iigihe kirageze Yesu ariteguye gushitsa intumbero. Asa nuwavuze ngo ndi hano ni mumpambe mbe ncuguye abari mw’isi bose.

II. Gushika ku ntumbero

Iyo ugomba gushikira ubugingo ; hari ico bigusaba :

1.Gupfa. Soma Umur wa 24 mu gihe wemeye gupfa umera nk’urubuto. Urubuto iyo rupfuye, hakurikira ivyamwa ; n’umuntu yemeye gupfa, aca yama :

• Ivyamwa vya Mwemu Yera, akabera isi umunyu n’umuco ; • Ivyamwa vy’ukuri n’urukundo ; • Ivyamwa vyo guhindura abishwa ba Kristo.

Ikibabaje ni uko hari abantu banka kuba urubuto rupfa ngo rwame ivyamwa. Ni nkigihe wokumva imbuto zitomate zikubaza ngo : Mbega ugomba kuduhamba he ? Oya ntidushaka kuba imbuto, kandi ntidushaka guterwa aho.

2. Ikindi usabwa ni kwanka ubugingo bwawe.Soma 25, 26

Birananira abantu b’isi kwanka ivyo mw’isi ngo bashire imitima yabo kubiri mw’ijuru. Ibi biterwa n’uko Satani abibagiza ko batazohora kw’isi. Gusubira mu vyagezwe 32 :29 « Iyo baba abanyabwenge bokwibajije ibi, bakiyumvira ivyo iherezo ryabo. » Baribaza ngo mbega niyo twabiheba, ni igiki cemeza ko tuzogumana ubuzima bwiza ? Aho abandi bama basenga ngo Mana nkoresha, abo bo basenga ngo Mana ntungisha nk’abandi. Ubuzima bwiza buri mw’ijuru.

Ico kumenya ni uko utaba ugikora ico ushaka ; ahubwo ukora ico Imana ishaka. Indirimbo ya 328 (I surrender all= Ndahevye vyose,) ; 808 ( I have decided to follow Jesus = Nzomurw’inyuma, Umwami Yesu)

Kugira ngo umuntu ashike ku ntubero y’ubugingo budashira, ni yemere gupfa no kwanka ivy’isi, akamera nk’umushumba mw’isi. Yemere ishaka ry’Imana rimurongõre. Ni yabikora Yesu yavuze ngo : « Aho nzoba ndi niho umukozi wanje azoba ari kandi data azomuha icubahiro » Umur 25. Ijambo icubahiro ni “timao,” mu giheburayo. Risigura gushirwa hejuru abandi bose bakakubaha. Ni murabire kuwusizwe hejuru n’igihugu gereranya n’uyu mukozi azoshirwa hejuru n’Imana.

III. Gushira mu ngiro

Imana mu kurema umuntu yamutandukanije n’ibindi biremwa vyose ; ari naco gituma azociribwa urubanza rukwiranye n’ivyo yakoz akiri kw’isi. Yesu yari Umwami aremera aravuga ngo ni mumpambe. Aba abereye abari mw’isi incungu. Kubishikako ntivyari vyoroshe.

Ntugume wibaza ngo igihe ntikiragera. Igihe kirageze. Pawulo yavuze ngo : « Ariko ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira ko ari ubuhombe kubwa Kristo » none kuri wewe ivyo ushira imbere ni ibiki ? Urarabe ko atari ubuhombe wirirwamwo. Uko ni ukwitanga ubufuti ugahusha umusaraba.

Ni wemere gupfa, ube icaremwe gishasha ; wemere ngo gukura umutima kuvy’isi, uzobana na Yesu kandi Data azoguha icubahiro. Heba vyose, umuhe umutima wawe wose nk’uyu muririrmvyi.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.