Language

Select Wisdom Brand
 
KUVUKA UBWA KABIRI. AGAKIZA (Yohana 3:1-16)

KUVUKA UBWA KABIRI. AGAKIZA (Yohana 3:1-16)

Series: Yohana (John)
Ref: John 3:1–16

KUVUKA UBWA KABIRI. AGAKIZA

Yohana 3:1-16

Umurongo ngenderwako“Umwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’utamwizeye aramaze gutsindwa, kukw’atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege.ˮ Yohana 3:18

I. Intangamarara

Muri iki gisomwa turabonamwo umugabo yitwa Nikodemu yari umufarisayo.Abayuda bari bagizwe n’imigwi ibiri ico gihe.umugwi umwe wari ugizwe n’Abasadukayo uwundi wari uw’Abafarisayo. Abafarisayo bari Abanyamigenzo cane.

Kuba umufarisayo vyasigura kuba umuntu mwiza, yize, yubahwa mukibano, ari mubagize inzego z’igihugu, umuntu w’umunyabubasha, umunyedini adasanzwe.

Ariko Nikodemu yari afise ikibazo. Muri we yari umuntu w’umunyamibabaro. Yarafise ikinogo kinini muri we kandi atashobora kwiyuzuriza. Aza kuri Yesu ijoro rimwe aramubwira ati: “Ntawoshobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, kiratse Imanairi kumwe nawe” Yesu yarafise ububasha bwo kubona ibiri m’umutima w’umuntu. Hama Yesu amenya ko naho ari umunyedini mwiza akeneye kugira Ubuzima budashira.

Yesu yatanze impamvu zitatu z’igituma utegerezwa kuvuka ubwa kabiri.

1. Imvo ya mbere:Nimba wipfuza kuja mw’ijuru niwapfa, utegerezwa kuvuka ubwa kabiri.

Yesu yaravuze ati, “Ntawushobora kubona Ubwami bg’Imana atavyawe ubwakiriˮ

Kubera iki? Igihe wavyagwa na nyoko wawe wavutse mu buryo bw’umubiri.

Mukuvuka kwawe m’uburyo bw’umubiri, wavukanye kamere k’icaha. Nta n’umwe yigeze akwigisha “ingeneˮ bacumura. Ntawakwigishije ingene babesha. Ntawakwigishije Ukwikunda. Gucumura ni kamere kacu. Twatoranye Kamere kacu k’icaha kuri Adamu.Nico gituma ukeneye kamere gashasha kugira ngo uje mw’ijuru. Kamere kava ku Mana. Kamere Imana iguha biciye mu maraso ya Yesu.

Uwavutse ubwa kabiri ahabwa ingabire y’ubugingo budashira. Aha aba yemerewe kuzoja mw’ijuru: ikibaza ciza, amabarabara y’izahabu, aho uzoshobora kumenya abizeye ba kera Aburahamu, Mose... intumwa za Yesu: Petero, Yohana, Pawulo... Ab’iwanyu bapfuye bizeye Kristo. Uzoba wemerewe kuja kubaganiriza kuko havurwa ururimi rumwe. Uzoba ari umusi mwiza wo gusubira kubana n’incuti n’abagenzi.

Ariko ikintu nyamukuru mw’ijuru n’uko uzobona Yesu imbonankubone.

Bibiliya iravuga ko igihe kizoshika aho amavi yose azopfukama kandi indimi zose zature ko Yesu ar’Umwami.

2. Imvo ya 2. Tuvuka ubwa kabiri Kugira turonke ubuzima bw’Ukuri ubu nyene!

Utegerezwa kuvuka ubwa kabiri kugira uronke ubuzima bw’ukuri ubu. Ubuzima bw’umunezero, amahoro n’urukundo.

Yohana 3 :16 haravuga, “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’umwizera wese nt’az’apfe rubi, arikw’ahabwe ubugingo budashiraˮ.

Twama twibaza kw’ijambo “ubugingo budashiraˮ nk’ikintu gitangura tumaze gupfa. Ukwon’ukuri. Ariko, vy’ukuri birarengeye ivyo. N’ubuzima butangura ubu nyene ukiriho kw’isi.

Igihe Kristo aje m’umutima wawe, ubugingo budashira buca butangura aho nyene. Ubugingo budashira bisigura ukuja mw’ijuru igihe upfuye ariko kandi bisigura kubaho ubuzima bw’ubwiza kandi busobanutse ubu ukibayeho kw’isi.

3. Imvo ya gatatu: Dutegerezwa kuvuka ubwa kabiri ngo duhunge ukuzimu.

Yohana 3:18 haravuga, “Umwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’utamwizeye aramaze gutsindwa, kukw’atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege

Uwutizeye, hamwe atokwizera ubu aba yamaze kurwicira. Ntakindi arindira ati umuriro utazima;

Matayo 25:46, “Abo bazoja mugihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja m’ubugingo budashiraˮ.

II. Umuriro utazima ni iki ?

Umuriro udashira (ukuzimu) n’ikibanza c’itandukanywa. Urupfu rusigura ugutandukanywaˮ. Hari ubwoko butatu bw’urupfu muri Bibiliya :

1. Urupfu rwo mumubiri : umunsi umwe umubiri wawe uzohagarara. Umutima wawe uhagarike gutera. Impwemu yawe izova mu mubiri wawe. Bibiliya yita umubiri “ihemaˮ. Itwikiriye impwemu yawe n’umushaha wawe.

 

Rero, urupfa n’igihe impwemu n’umushaha bivuye mumubiri wawe. Bigereranywa nko kuva mucumba kimwe ukaja mukindi.

2. Urupfu muburyo bwa mpwemu : urupfu muburyo bwa mpwemu n’urwo rupfu ufise igihe ukiriho kw’isi. Utandukanijwe n’Imana kandi nt’amahoro n’umunezero ufise ubu. Ufise ikinogo kinini ibwina mu mushaha wawe.

 

Umubiri wawe umerewe neza ariko muri wewe ntunezererewe.

3. Urupfu ruhoraho: Uku n’ugutandukanywa n’Imana ibihe bidashira. Iki nico kirusha ububi ibindi muvyerekeye urupfu. Ikibanza Imana itabamwo.

 

III. Gushira mu ngiro

Ukuzimu n’ukwa Satani n’abadayimoni biwe. Ukuzimu ntikwaremewe abantu. Kwaremwe n’Imana kubwa satani n’abadayimoni biwe. Imana ntiyipfuza ko wewe canke uwariwe wese yoja mu kuzimu. Impavu zitatu ziratuma wokwipfuza kuvuka ubwa kabiri. Woba waravutse ukamera nk’umwana atazi ivyo arimwo. Urakeneye gusenga kugira amaraso ya Yesu akugire mushasha ubu nyene.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.