Language

Select Wisdom Brand
 
INYOTA YA NIKODEMU (Yohana 3:16-19)

INYOTA YA NIKODEMU (Yohana 3:16-19)

Series: Yohana (John)
Ref: John 3:16–19

INYOTA YA NIKODEMU

Yoh. 3:16-19

Ijambo ngenderwako : « Ni nde atsinda isi, atari uwizera yuko Yesu ari umwana w’Imana ? » 1 Yoh.5:5

I. Ibiganiro.

Iki kiganiro ca Nikodemu na Yesu nico gikuru mu biyagao vyanditswe muri bibiliya kuko gishimikiye ku Gakiza.

Nikodemu yari Umufarisayo. (Umuce w’idini y’abayuda wubahiriza cane amategeko ya Mose n’imigenzo ya ba sekuruza.) yarisonzesha igihe cose bisabwa, yubaha isabato ... Ntaco womugaya muvy’imigenzo y’abayuda. ariko akumva ko agifise inyota y’agakiza. Niko guhengera mukajoro aza aho Yesu ari ngo agire ico yomufasha.Batanguye kuyaga na Kristo aramubwira ati : « Ni ukuri ni ukuri ndakubwire, iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri ntashobora kubona ubwami bw’Imana. » Ibi vyaramugoye gutahura.

II. Insiguro yo kuvuka ubwa kabiri.

1.Ivuka rya mbere ni iryo mu mubiri (Kuvyarwa n’abavyeyi bo m’umubiri). Iri ryuzuye ingorane kuko umuntu yavukanye kameremere ya basogokuru. Adamu. Iyi ishima gukora icaha. Ntibizogusaba kwigisha umwana wawe kubesha, kwiba, gutukana. Ibi yarabivukanye. Harakenewe irindi vuka ryo mu burya bwa Mpwemu rinesha icaha.

2. Umuyaga ntuboneka n’amaso y’umubiri. Ubona ibikorwa vyawo. Ivuka rya kabiri, ntiriboneka mu buryo bw’amaso ya muntu ariko ibikorwa vyaryo biraboneka imbere ya bose. Ni ivyamwa vya Mpwemu Yera.

3. Igihe Abisirayeri bacumura ku Mana, Mose yabasavye kurangamiza inzoka yabamvye ku giti bakabona gukira. Ubu ugukira icaha ; ni ukurangamiza k’umusalaba Yesu yabambweko. Uku ni ukuvuka ubwa kabiri.

III. Ubutumire. Ubutumire ni umurongo wa 16 uyu murongo ufatwa nka Bibiliya ntoya. urasigurwa mu bice bitandatu :

1.“Kuko Imana. ….” Imana ni Umuremyi w’ibiriho vyose, ibiboneka n’ibitaboneka. Niwe ntango ya vyose. Ni UHORAHO. Niwe atanga ubugingo budashira. Yoh.14 :6 Yesu avuga ati : « Ni jewe nzira, ukuri n’ubugingo. Ntawuja kwa Data ntamujanye » uyu niwe Mana.

2. “Yakunze abari mw’isi. . .” Urukundo rwo k’urugero rwo hejuru. Ijambo Urukundo riravurwa n’abantu bose bo mw’isi, Ariko ubiravye neza, ntawuzosanga akunda uwundi nk’uko bikwiriye. Raba uko urukundo rumera 1Kor.13 :4-6. Data niwe Rukundo rw’ukuri. Imana irakunda cane abantu bose.

3. “Yatanze Umwana wiwe w’ikinege . . .” Aha niho urukundo rwiwe rw’agaheta rubonekera. Ingabire iruta izindi. Ijambo ikinege, mu giheburayo ryitwa “monogenes,” risigura “umwe gusa” yemera ko ababazwa urupfu rubi, rugayitse, rubabaje rwo k’umusaraba azira ivyaha vy’abantu kugira abashitse ku gukira igihano categuriwe abanyavyaha.

Umugabo yabwiye umugore wiwe ati : Naguhaye vyose, inzu nziza, imodoka nziza, imyambaro,’’ ataraheza umugore ati : Ego wagize neza ariko nshaka wewe. Yaramwemereye, bidatevye bamuzana kuri police afatiwe k’uwundi mugore. Abantu barakundana ariko bafise aho bageza.

Yesu we yaje mw’isi, ab’isi batanamushaka, bamwanka. Data yemera kumutanga mu bamwanka. Vyarumvikana ko batazomugirira neza. Kuki yamutanza ? Urukundo akunda abanu.

4. “Kugira ngo uwumwizera wese. . .” Ehe ubutumire butangaje. Kuba Nikodemu yari umufarisayo, ntivyamuhagije ngo yiyumvire ko ataco agikeneye kugira

ashikire amahoro y’umutima, yakire iyi ngabire y’agakiza. Imana yahaye umuntu uburenganzira bwo kwemera canke kutemera kwakira iyi ngabire . Kwakira agakiza, umuntu niwe abfisemwo uruhara.

5. “ Ntazopfe rubi . . .” Uru rupfu ni ugutandukana kw’umuntu n’Imana ibihe bidashira umunyabicumuro akajanwa ahantu ho kubabazwa. Nirwo rupfu rwa kabiri, ruba inyuma y’urupfu rwo mu mubiri.

Umurongo wa 17 : « Kuko Imana itatumye Umwana wayo gucira abari mw’isi urubanza ; ariko yamutumye ngo abari mw’isi bakizwe nawe. » ijambo “Gutuma” ni “apostello,” mu giheburayo. Aho niho hava ijambo “Apostle”. “Intumwa”. Imana yarungikanye ubutumwa Yesu bwo gukiza abari mw’isi, atari kubacira urubanza ; aho babe bakize uru rupfu rubi. Nico bita inkuru nziza.

Luk. 2:11 « uyu musi UMUKIZA abavukiye mu gisagara ca Dawidi, niwe Kristo Umwami ». Luk. 19:10 « Kandi umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye. » kwemera Yesu niko gukira uru rupfu rubi.

Mugihe isi ikeneye : Amakuru irondera umwigisha w’ubwenge

Ibikoresho vy’ubuhinga irondera aba ingeniers

Amafaranga irondera abarwizatunga

Umunezera irondera abazi gutwenza

Ivyo vyose birashobora kuboneka, ariko urupfu rw’ubugingo budashira ruguma rubaraririye. Ico bari bakeneye mu buzima ni Umucunguzi Yesu kristo.

6. “Ariko ahabwe ubugingo budashira...” Aha ni hamwe, umugororotsi azojanwa ahantu heza kubana na Data Imana ihoraho. Urashobora kumenya ubwawe ko ufise ubungingo budashira. Yoh. 5:13 « Ivyo ndabibandikiye .. kugira mumenye ko mufise ubugingo budashira »

Ntakindi cobikwemeza, uretse umutima wawe. Niba wumva ukekeranya, uca umenya ko utabufise. Urakeneye guheba ico cose cagutandukanije na kristo Yesu, ugasenga urahabwa ubugingo budashira.

IV. Gushira mu ngiro.

Umuntu wese yavukanye kamere yo gukora icaha, ariko kubwo urukundo rw’Imana, ituma Yesu Kristo kugira acungure isi mu kubambwa k’umusaraba, gupfa, guhambwa no kuzuka mu bapfuye. Ivyo yarabikoze. Ni ahawe ho gufata ingingo ubona ibereye kugira ube uwavutse ubwa kabiri. Inyota ufise arayikumara.

Nta mahirwe mw’isi yosumba kuzobana n’Uhoraho ubwiwe mw’ijuru. Hamwe no gusenga, yesu Kristo arinjira mu mutima wawe.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.