Language

Select Wisdom Brand
 
IMITSIMA IRABUZE ; BARABIHEVYE (Yohana 6:22-29)

IMITSIMA IRABUZE ; BARABIHEVYE (Yohana 6:22-29)

Series: Yohana (John)
Ref:

IMITSIMA IRABUZE ; BARABIHEVYE

Yohana 6:22-29.

Ijambo ngebderwako : « Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho, yamara si jewe ndiho ; ni Kristo ariho muri jewe. » Galat 2:20a

I. Intangamarara.

Yesu yahagije abantu bashika 20.000 umutsima n’amafi. Bukeye baje ari benshi kumurondera. Baripakiza ubwato bamusanga hakurya. Baramubaza bati : « Mwigisha waje ino ryari ? » ikibazo aracirengegiza, ababwira ati « Ni ukuri ni ukuri ndababwire ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko ni uko mwariye kuri ya mitsima mugahaga. » Boba bariyumviye ngo: igihe co kurya tudakoze kiragarutse nk’uko basokuru barya manu.

Kuri aba bantu ivyokurya vyari ivyagaciro kuko bari babayeho m’ubuzima bwo kurima, kwamura ivyamwa no guhiga. Iyumvire nk’umuyobozi yohora atanga idrya kubo arongoye. Bomwita Muhanyi.

II. Yesu yimenyesha ishengero.

Yesu ababwira ati : « Ntimugakorere ivyokurya biyoka, ariko mukorere ivyokurya bihoraho bizana ubugingo buhoraho. » birashoboka abantu bakiruka cane ndetse bagashiramwo ubusuma, uburyarya, ubwicanyi, .. kugira barondere ubutunzi bwa hano kw’isi. Ivy’umuntu aronka vyose birayoka mugihe atashimye kubishiranwo Yesu. Igihe co gupfa ntaco bamuhambana.

Yesu arongera ati : « Ni jewe mutsima w’ubugingo. » Mu bihe vya kera, Igihe yavugana na Mose yamubwiye ati : NDIHO niryo zina ryanje. Ndi uwo ndiwe. UHORAHO niwe ndiho. Muri iki gihe aravuga mu gitabo ca Yohana ati ndi :

• Umutsima w’ubugingo (6:35), • Umuco w’isi (8:12, 9:5), • Irembo ry’intama (10:7, 9), • Umwungere mwiza (10:11, 14) • Ugupfa n’ukuzuka (11:25), • Inzira ukuri n’ubugingo (14:6), • Umuzabibu w’ukuri (15:1, 5). Yesu yiyerekanye m’uburyo bwinshi kugira abantu bahebe bamutahure babone gushikira ingabire y’agakiza. Wokwibaza uko umwakira m’ubuzima bwawe.

III. Amatati atewe n’inyigisho za Yesu. Yesu amaze kubigisha ibi ; baramwidodombera umur wa 42. ; Batanako ishavu umur wa 52. umur wa 53 « ni mutarya umubiri w’umwana w’umuntu ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebwe. » Yesu yakoresha imvugo y’Ijuru nabo bashaka ivy’umubiri.

Ivyagezwe vyarabuza kunywa amaraso (Ubuseri ) y’ibitungwa none we ababwiye ko bazonywa ayiwiwe. Ntiyariko avuga isangira ryera, yavuga ububasha bw’amaraso yiwe mukoza ivyaha vy’abari mw’isi. Abayuda ntibibaza ko Mesiya yoje ameze uko kandi akora uko. Vyarumvikana ko haduka amatati atewe no kudatahurana narirya bari bazi aho yavukiye kandi akiri muto gutryo.

IV. Ijambo riragoye bamuvuye inyuma. Soma yoh 6 : 60-66. Mugihe bamwe bari babijeje ko baje kurya imitsima n’amafi bataguze ; none bumvise ibihushane. Bahisemwo kumuva inyuma. Uku niko amashengero menshi ahitamwo kwigisha inyigisho zorohereza abantu mugutinya ko bava mu masinagogi yabo. Ukuri bakakunyegeza, ntibubahuke kwerekana icaha cakozwe kandi vyotumye uwazimiye azimuruka.

Umwigishwa wa Kristo ni uwo yemera kwigishwa ukuri, naho ivyo asabwa vyoba bigoye, asabwa kuvyumvira. Ntakigoye kuwatoranijwe.

Umurongo wa 64 : « Kuko Yesu yahereye ubwa mbere azi abatizera. » Kuba mubatonda k’umusi w’Imana m’urusengero si icemezo100% c’uko wakiriye Kristo. Uzomenyekana mu gihe c’ikibazo k’ubuzima bwawe. Ukwihangana kwawe niho kuzomenyekanira. Awufise agakiza ntigatakara.

V. Gushira mu ngiro/ Abigishwa b’ukuri.

Soma umur wa 67-69. Iyi nyishu ya Petero yerekana ko yatahuye Yesu Kristo uwamuhamagaye. Nta handi haboneka amajambo y’ubugingo atari kwa Yesu

Petero yerekana ko Imitsima y’umubiri atariyo yamuzanye mu gikorwa c’Imana. Yaramaze kurya Kristo. Ntacomunyiganyiza kuco yakiriye.

M’urugendo rwo gukurikira Yesu, urasabwa kumva ko wabambanye na Kristo, utakiriho, ariko ari Kristo abaho muri wewe. Bisigura ko uha Yesu ubuzima bwawe bwose akaba Umwami n’Umucunguzi wawe. Vyose bishobokera uwizera. Senga.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.