Language

Select Wisdom Brand
 
IGITANGAZA CO GUKIRA INDWARA (Yohana 4:46-54)

IGITANGAZA CO GUKIRA INDWARA (Yohana 4:46-54)

Series: Yohana (John)
Ref: John 4:46–54

IGITANGAZA CO GUKIRA INDWARA.

Yohan 4:46-54

Ijambo ngenderwako: “Muri mwebwe namba harimwo uwurwaye, ni atumeko abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera. " Yakob. 5:14a.

I. Ingendo za Yesu mu bisagara

Muvyazanye Umwami Yesu mw’isi, harimwo no gukiza indwara n’ubumuga vyari biruhije abantu. Muri ico gihe, Yesu yaraboneraho n’akaryo ko kwerekana ububasha bwiwe bwo gukiza indwara no guharira ivyaha vy’abantu. Uko indwara yose yokwitwa iyikomeye imbere y’abantu irakira muri Yesu.

Amaze kubatizwa mu ruzi Yorodani, avuye i Kana yaciye aja i Kapernawumu aciye kunkengera y’uruzi Yorodani. Muri ico gisagara yahakoreye ibitangaza vyinshi kandi abenshi baramwizera. Yarakora ingendo ndende n’amaguru azunguruka ibisagara vyinshi kugira abenshi bamenye inzira yiwe biciye mu bikorwa bitangaje vy’amaboko yiwe.

II. Umuhungu w’umutware akira.

Iyi nkuru iratweka igikorwa ciwe ca mbere co gukiza indwara cabaye k’umuhungu wúmutware w’i Kapernawumu. Uyu yari yarumvise inkuru za Yesu, akipfuza ko amukiriza umuhungu arwaye. Yesu yakoze ikintu kugira arabe ko vyukuri afise ukwizera. Yesu amaze kubona ukwizera k’uyu mutware, avuga ijambo ry’ihumure k’ubuzima bwiwe ati :« Genda umwana wawe ni muzima » iri jambo rica riduza ukwizera kwiwe. Uyu mwana yaciye akira uyo mwanya nyene uyu mutware yizereyeko ijambo Umwami Yesu avuze. Luk.1 :37 « kuko ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha »

III. Inkomezi zikiza indwara.

Igitangaza nkiki nticosigurwa atari mu nkomezi z’Imana. Hari abivugira ngo ugukira indwara kuva mu vyiyumviro no kuvyishiramwo k’umurwayi. Niba arivyo canke atarivyo, iki gitanganza ntaruhara uyu murwayi yabigizemwo kugira akire. Cabaye igikorwa ca Mpwemu w’Imana kubwo urukundo yakunze abari mw’isi. Uku niko Umwami Yesu abikorera ababimusavye bamwizeye bose uyu musi. Ntibiterwa n’ukugororoka k’umurwayi canke abamusengera. Biva no kugushaka kw’Imana.

IV. Intumbero y’ibitangaza vyo gukiza indwara.

Yesu ntiyakora ibitanganza ngo yimenyekanishe ko ari uwuhambaye mw’ab’isi. Ubuntu n’urukundo vyiwe nivyo vyamutera gutabara abo bose bari barushe. Yarabikora imbere y’intumwa ziwe kugira niyo yasubira kwa se nabo bazobikore bavyigishe n’abandi bazosigara gushika agarutse. Kubw’ivyo ; izina ry’Uhoraho rizoshirwa hejuru mu bari mw’isi ndetse n’imitima yazimiye ibone umuco biciye mu bitangaza vyo gukira indwara.

Muri iki gihe canyuma, abenshi barataye intumbero mu gusengera abarwaye. Bamwe barabasengera bashaka ko bubahwa canke mbere, bironderera gushimirwa mu guhabwa amafaranga n’abo batagira ivyizigiro ku Mana. Umuntu wese yakiriye Umwami Yesu arashobora kwisengera no gusengera abandi Imana ikamwishura. « Umve ndi kumwe namwe imisi yose, gushika ku muhero w’isi. » Mat. 28:20b.

Ibi ntibirinda ko uba waduze k’umusozi kanaka, mu cumba kanaka, ngo usukweko amavuta ya Elayo yo muri Israyeli canke amazi yasengewe. Ivyo ni ibigirwamana. Amavuta ya Elayo ni uyu Mpwemu Yera yatanzwe kubari n’umubiri bose bizeye Umwami Yesu. Hari abizeye ibi bigirwamana, basanga baramaze gucika abarozi canke abapfumu gutryo baba bahushije ingabire y’ubugingo budashira canke mbere bakibwa ivyabo n’abo bigize abakozi b’Imana.

V. Kuki abantu bazimirira muvyo gusengerwa indwara ?

Insiguro y’iki irahari. Babuze ukwizera. Kubera kamere y’icaha, umurwanizi agerageza kwereka abantu ko hejuru yo gusengerwa n’abashingantahe bo mw’ishengero, vyoba vyiza bifashishije ibindi bintu (amazi, amavuta, imiti y’ikirundi…)

Iyi nkuru y’uyu mutware iratwereka ko ijambo ry’Umwami Yesu ryakijije umuhungu wiwe atari na hafi yiwe. Ubu bubasha twarabusigiwe n’Umwami Yesu twese. Marik. 16:17-18 « kandi ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera ni ibi: bazosenda abadayimoni mw’izina ryanje ; bazovuga indimi nsha, bazofata inzoka, ni banywa ikintu cica,ntaco kizobagira na gato, bazorambika ibiganza kubarwaye, bakire. »

VI. Gushira mu ngiro

Yesu yerekanye ubumana bwiwe mu nzira nyishi harimwo no gukiza indwara. Yarerekanye ko afise ububasha bwo guharira ivyaha vy’abantu, kandi akagira ubushobozi kuvyaremwe vyose. Niwe yaremye umuntu kandi niwe azi imyaka yo kubaho kwiwe muri ino si n’ikizotuma apfa.

Biragusaba uyu musi kumwizera udakekeranya. Niba hari ico wamusavye ataragukorera, mwizere urindire igihe ciwe. Birashoboka ko wabaye mu gukekeranya bituma uhungabana mu kwizera, urashobora guhaguruka ubu nyene aguharire, kandi agukize indwara ugendana n’ibindi bibazo umaranye imisi. Yesu ni inyishu.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.