Language

Select Wisdom Brand
 
IBIMUBONEKEKO KANDI YISANGIJE (Yohana 10:1-21)

IBIMUBONEKEKO KANDI YISANGIJE (Yohana 10:1-21)

Series: Yohana (John)
Ref: John 10:1–21

IBIMUBONEKEKO KANDI YISANGIJE

Yohana 10:1-21

Ijambo ngenderwako : « Iki nico kitumenyesha urukundo, ni uko uwo yatanze ubugingo bwiwe kubwacu. Natwe dukwiye gutanga ubugingo bwacu kubwa abavukanyi » 1Yoh 3:16

I. Intangamarara

Umwami Yesu arabandanya ababwira uwo ariwo vyukuri. Akenshi yababwira ubutumwa bw’i Mpwemu akoresheje imigani n’ibimenyetso ntibabitahure.

Arababwira ko ariwe mwungere mwiza w’intama kandi ariwe rembo ry’ukuri. Yagereranije abakijijwe nk íntama kuko arico gitungwa giciye bugufi ariko kigahura n’ibibazo vyinshi : abakirya, isazi zo mu mazuru, ingwara, ibikoko vyo mw’ishamba, …

Mugihe hoba hatabonetse umwungere azikunda akazitaho, zohona ntihabe hakiboneka n’iyikimenyetso mw’isi. Umucangero ntiyozitaho nk’uko bikenewe. N’umukristo niko amerewe aha mwisi : kurenganya, gusuzugurwa, kurwara,… Kristo niwe mwunere mwiza. Yavuze ko atanga ubugingo bwiwe avyishakiye kugira ngo turonke ubugingo budashira. Ntiyapfuye nk’abamaratiri.

II. Ikimenyetso c’umwungere mwiza.

Muri iki gihe hari abarutse batarabona intama canke umwungere. Turashobora kugereranya iki gice na zaburi ya 23 haravuga umwungere n’intama. Yesu arababwira ati : « Ni ukuri ni ukuri ndababwire ni jewe rembo ry’intama abanyitangiye imbere bari abasuma n’abambuzi ariko intama ntizabumviye. »

Mu b’Isilayeri, barubaka inzitiro z’amabuye bagasiga akaryango gatoya intama zashobora gucamwo zikinjira canke zigasohoka. Ibi bisuma n’abambuzi bavurwa hano, baramyeho kandi n’ubu baracarwiriye cane. Ni abo barongozi

canke abavugishwa b’ibinyoma bipfuza gufatira ishengero rya kristo amaboko mu mugongo kugira bironkere inyungu z’umubiri. Ico gihe biyerekana nk’abantu beza kandi bakundana. Ivyo bisuma ngo biba bizanywe no : Kwiba, ukwica no gutikiza. Abo ni bamwe bahinduye inzu ya Data isenga ry’abambuzi. Muzobamenyera kuvyo bama. Abo mwasanze ari abo aribizirwa ni mubizigire, ibisuma mubitere umugongo.

Yesu avuka ati : « Ni jewe rembo, kandi uwushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa, agataha, agaturuka akaronka ubwatsi butotahaye. » Yesu ni we nzira, ukuri n’ubugingo. Uguca mw’irembo, bisaba ko uvavanura n’inzira y’ivyaha, ukizera Yesu, ukavana n’ikinyoma mu buzima bwawe. Aho uzoba amahoro mu mutima no mu mubiri. Kugeza uyu musi imiryango iruguruye niwagomba ni winjire ntugume mu kugarariza nk’abo kwa Nowa.

III. Yesu aracatanga…

1.Yesu aracantanga ubutumire bw’agakiza. Mu misi iri inyuma gato, Abayuda bamwe bizeye umugabo yitwa , Rabbi Menachem nka mesiya. Abo bari bafise umusi mukuru wo kwibuka imyaka mirongo ine yamavuko yiwe ; baja gusengera k’urusika rw’ingoro ya Salom. Bamurindiriye ; ntiyaza kuko yari arwaye amaguru yabaye pararize mu bitaro vyo muri Amerika. Abababonye barabaseka cane ; babahamagara bati : Ni muze kuri Yesu Kristo niwe Mesiya w’úkuri muzogira amahoro n’umunezero. Kuba mu gakiza bitanga amahoro Abaroma 5:1 « None rero ko twatsindanishirijwe n’ukwizera, dufise amahoro ku Mana kubwo Umwami wacu Yesu. »

2. Yesu aracatanga umutekano. Zab. 23:4 « Mbere naho noca mu mwonga w’igitutu c’urupfu sinzogira ikibi ntinya, kuko uri kumwe nanje. » Mu mwonga ni heza ku ntama kuko haba hari ubwatsi bwiza, ariko haba hateye amakenga kuko ni naho ibikoko vy’inkazi vyibera. Iyi si tuyibayemwo ari nziza ariko irimwo ivyago, ibirwara, ugupfa n’ibindi. Ibi vyotuma uwakijijwe ahungabana.

Ivyizigiro ni ukoUhoraho agumana n’abamwizeye mu bihe vy’ibibazo bikomereye ubuzima bwabo. Kandi no mugihe co kuva mu mubiri kwabo ; Imana ikomeza kubaba hafi kugira ibashikane kuri ca kirimba c’ijuru amahoro.

Yavuze ngo : « Izanje ndazizi kandi nazo ziranzi ». Wumva wemeza ko Yesu akuzi kandi nawe umuzi ? Akuzi gute ? Raba uko imigenderanire yawe na Yesu imeze muri iyi misi.

IV. Gushira mu ngiro

Umwami Yesu yatweretse urukundo mu gutanga ubugingo bwiwe ngo ababazwe ; abamwizeye baronke ubugindo budashira, amahoro, umutekano wo mu mutima, bakazorarwa igihugu co mw’ijuru. Ibi ntawundi bibonerwamwo.

Niwe rembo ry’intama abaca kuri we barashika amahoro kandi niwe mwungere mwiza.

Amaze kubigisha bawe bivugiye ngo arimwo dayimoni. Yoh 10:20 « Benshi muri bo bati : Arimwo dayimoni kandi yasaze, mumwumviririza iki ? » kuri wewe uvyakiye gute ? Ushobora kuba ukirimwo gukekeranya ndetse uri intama igora umwungere ; aka kokubera akandi karyo ko ku musenga akakugururira ugasubira mu busho bwiwe ugahora uturuka, ugataha amahoro.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.