Language

Select Wisdom Brand
 
IBANGA RYO KUZA KWA JAMBO MW’ISI (YOH. 1:1-4)

IBANGA RYO KUZA KWA JAMBO MW’ISI (YOH. 1:1-4)

Series: Yohana (John)
Ref: John 1:1–4

IBANGA RYO KUZA KWA JAMBO MW’ISI

John 1:1-4

Ijambo ngenderwako : « Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, azobereka isezerano ryiwe» Zab.25 :14

I. Intangamarara Hari ikibazo abenshi bizaza : « Ni gute Imana yaje mw’isi, ikaba mw’isi y’imibabaro ? Abandi bati : « Yesu ni nde ? » bati yoba yari umuyuda mwiza kandi azi kwigisha. Iyo hageze ibi bibazo, abenshi barazimizwa kuko batonabitahura kuko ari ibanga rimenywa n’abubaha Uhoraho. Imig. 3:32 « kuko umunyakibi ni igisesema k’Uhoraho Ariko abagororotsi bo, asangira ibanga nabo. » Hari abenshi babajije ivyo bibazo :

Mat. 21:10 « Ashitse i Yerusalemu, igisagara cose kirashwabaduka, barabazanya bati : « uwo ni nde ? »

Luka 9:9 « Herode aravuga ati : Yohana ni je namwiciriye umutwe, mbega uwo ni inde ? »

Luka 8:25b « Barabazanya bati : « Mbega uyu ni umuntu ki, ko abarira n’umuyaga….. ? »

Luka 5:21b « Abanyabwenge,,, batangura kwiburanya bati benga uwo ni inde ? »

Kugeza n’ubu abenshi baracafise ico kibazo. Ariko niba wibaza ko Kristo ari uwusanzwe, umusi umwe uzosanga wamwibagiye. Barahari. Ni abo bama muntege nke mu gikorwa ciwe hamwe nabo badatinya gukora icaha bamwicariye mw’ishengero kandi barazi ko ababona. Ntibamuzi nk’Imana Uhoraho. Ariko niba wemera ko ariwe Kristo wukuri, Abamwubaha azobereka isezerano ryiwe, witegure rimwe uzosanga wicaranye nawe iburyo bwa Data.

II. Uko Jambo yaje mw’isi.

Yohana 1:1 « Mu ntango Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kandi uwo Jambo yari Imana. Uyu Jambo yahoranye n’Imana niwe yaje mw’isi afise ikimuzanye arico gucungura abantu. Yari Imana imwe m’ubutatu. 1X1X1= 1. Ni Imana Data, Mwana na Mpwemu Yera. Ijambo ritubwira ngo : Yariho : n’ubu ariho kandi azokwamaho kuko ni UHORAHO. Yahoranye n’Imana : N’ubu ari kumwe nayo kandi azokwamana nayo. Kuko ni Umwana wayo. Yari Imana : N’ubu ni Imana, kandi azokwama ari Imana ibihe bidashira. Uyu Jambo yaje mw’isi gucungura abantu. Muri we niho hari ubugingo. Uwutamufise, ntafise ubwo bugingo budashira. Ariko abamwubaha bazosangira ibanga.

Jambo yari Imana ni we Kristo. Yaje mw’isi aciye mu mwigeme w’Umuyudakazi yitwa Mariya. Amutwara inda ivuye kuri Mpwemu Yera, aramuvyara. Aba umwana arakura nk’abandi ariko we yiyizi uwariwe niyo yavuye. Ku myaka mirongo itatu ; atangura ivugabutumwa mu kwereka abantu Uhoraho Imana uwe ariwe koko n’ico abipfuzako.

Kubera izo nyigisho zari zinyuranye n’ivyo abaherezi n’abafarisayo bakora, baca baramubamba k’umusaraba ata n’icaha bamubonyeko. Amena amaraso yiwe, ariyo yahindutse ayoza ivyaha vy’abantu b’Imana bose. Arahambwa, nyuma y’imisi itatu arazuka yiyereka intumwa ziwe n’abandi benshi imisi mirongo ine. Niho yaduga mw’ijiuru iburyo bwa Data. Ubu niho yicaye. Azogaruka gutora abamwubaha babane nawe aho nyene. Bazomenya amabanga y’ijuru.

Uyu Kristo akiri kw’isi yaraboneka nk’abandi ; ariko ubu ntawumubona mu buryo bw’umubiri kuko yamaze kwambara bwa bu mana yahoranye ataraza mw’isi. 1Kolosayi 1 :15. « Niwe shusho y’Imana itaboneka, niwe mfura mu vyaremwe vyose » Abamwizeye ni abana ba Mpwemu. Ubwenge bw’isi ntibushobora gutahuza umuntu uru rukurikirane. Birabazazanira.

Nibakubaza bati Imana ivuga gute ? imeze gute ? isa gute ? … uzubishure uti : Uko Yesu ari niko iri.

III. Abacunguwe bo bavuye he ?

Yoh 1:3 « Vyose vyaremwe nawe. » Mu vyaremwe, harimwo n’abantu barimwo ; ni bo batumye Imana iza mw’isi, ni abiwe bwite. Ni abo yiremeye n’amaboko yiwe mw’ishusho yiwe. Itang. 1:26 Yaje gucungura abiwe kandi vyarumvikana ko

yabakunda. Uru rukundo ntirucagura abakijijwe canke abanyageso mbi. Abakunda bose kuko yitwa RUKUNDO.

Hari inyigisho zakwiragijwe mw’isi n’abiyita abanyabwenge zigisha ko umuntu ataremwe uko tumubona uyu musi. Bigisha ko umuntu yagiye ahindagurika avuye mu nkoto hanyuma imanfu. Ngo ni naco gituma umwana aguma asambagura aho aryama. Ngo yoba ari kamere yakuye kuri basekuru nkoto. Ikibazo ni kuki uyu musi izi mamfu zitariko zihinduka abantu ? Aba bavyigisha uku kugira bakure ukwubaha Imana Uhoraho mu bantu. Hari nababikurikiye kubera ukutamenya. Ibanga ry’Imana si bose baritahura.

IV. Gushira mu ngiro.

Urashobora kuba uriko uratwara umuduga, ukabona ikimenyetso (feu rouge) kikubwira ko imbere ari habi ukwiye kwitonda. Ni wewe wo gufata ingingo yico ukora : wovyirengegiza canke ukagenda buhoro canke mbere wohitamwo gusubira inyuma. Ico kumenya ni uko ingingo yose ufata ; idahindura ico ikimenyetso cavuze.

Jambo yari Imana yambaye umubiri aza mw’isi kugira acungure abantu. Iki cari igikorwa kitari coroshe kuko yari umuntu ijana kw’ijana akaba Imana ijana kw’ijana. Niwe muremyi w’ibintu n’abantu bose. Niba wizeye Yesu ; ntugikwiye kwemerera Satani ngo agutere gukekeranya Imana n’ivyo ikora ; bigatuma wama mu gukora ivyaha.

Mu ntango Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kandi uwo Jambo yari Imana. niwe nzira ; ukuri n’ubugingo. Azoza kujana abamwizere. Uvyemere canke ureke ntaco bihindura. Urashobora kuba utari bwamenye iri banga ry’Imana, wohaguruka ugasenga Mpwemu Yera akugeze kukumeneya ukuri. Hari isezerano ry’amahoro ku bamwubaha.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.