Language

Select Wisdom Brand
 
GUSHINGA INTAHE KWA YOHANA BATISITA (YOH. 1:6-13)

GUSHINGA INTAHE KWA YOHANA BATISITA (YOH. 1:6-13)

Series: Yohana (John)
Ref: John 1:6–13

GUSHINGA INTAHE KWA YOHANA BATISITA

YOH. 1:6-13

Ijambo ngenderwako : « Mwese muri abana b’Imana kubwo ukwizera Kristo Yesu » Gal. 3:26

I. Intangamarara.

Niba umumenyeshamakuru akubajije ati : « wibaza ko intumbero yatumye Imana ikuzana kw’isi ari iyahe ? » womwishura gute ? Tertullian yari umurongozi w’Ishengero mugice c’i Roma haraheze imyaka 200. Yaravuze ati : « turi kw’iyi si, twaruzuye ahantu hose : ibihugu, intara, amakomine n’imitumba yose. Ntaho woja ngo uhabure abantu. Icatunaniye n’ugushira ishaka ry’Imana mu mitima yacu. »

George Barna yakoze ubushakashatsi mu mashengero rukristo abaza ikibazo kimwe ati : « Ni igiki wobwira abandi kubw’Ishengero ryawe kugira barizemwo ? » 40 kw’ijana bishuye bati : Eheee, Ahaaa, nibaze turasenga » Gushinga intahe birabagora.

II. Intahe ya Yohana Batisita Yarazwi nka Yohana Baptista. Bashobora kuba munyuma baramuhaye akandi kazina Yohana Mushingantahe. Ibi vyaterwa nuko iri jambo riboneka cane muri iki gice. Aravuga ngo narabonye kandi navutse ngo nshingire intahe uyo kwari we. Imana yaremye abantu bose kugira babe abamushingira intahe no kumuhimbaza. Turashobora no kwigisha abandi mu kubereka icatumye Imana ibarema.

Iyumvire Yohana ahagaze imbere y’abantu benshi ariko arababwira inkuru za Kristo, abanyamategeko bakamubaza bati : « Yesu Kristo ni nde ? » aha ntivyamusaba kuba yarize cane, ahubwo vyasaba ko uwo avuga amuzi koko.

III. Intahe yemeza ko Yesu Kristo ari umuco w’isi.

Umur wa 8. Yohana yemeza ko we atariwe muco, ahubwo yaje gushingira intahe umuco. Umuco ntiwahahoha, ariko wariko uraza. Uwo nawe yari Yesu Kristo. Itara siryo muco, ariko uwuribonye aremera ko mu kanya umuco woboneka. Na Yohana yashingira intahe umuco w’ukuri wariko uraza. Umur.9 « Umuco w’ukuri, wakira umuntu wese, wariko uraza muri iy si. » vyumvikana ko isi yose yari umwijima. Nta kuri. Vyose vyari mu mwijima.

IV. Ni gute Umuco wakiriwe n’ab’isi?

1. Isi ntiyamenye umuco.

Umur. wa 10 : « Yari mw’isi, kandi isi yaremwe nawe, ariko isi ntiyamumenye. »

Ni iki catumye batakira uyu muco ? II Korint.4 :4. « Ni bo batizeye, imana y’ikigihe yahumye imitima ngo umuco w’ubutumwa bw’ubwiza bwa Kristo ntubakire. Ni we shusho y’Imana »

Iyi mana yiki gihe (Satani) niyo yamye izimiza abantu kugira ntibamenye Yesu Kristo ko ariwe muco w’ubugingo. Abenshi abateza gukekeranya.

2. Isi ntiyakiriye umuco.

Umur.wa 11. « Yaje iwe, ariko abiwe ntibamwakiriye. » Yesu yavukiye mu Bayuda, abari bazwi nk’ab’Imana ariko nabo ubwabo baranse kumwakira, mukumwikiza baramumanika k’umusaraba. Ijambo ry’ikigiriki “paralambano,” risobanurwa ngo « ubwabo ntibamwakiriye » biramaze kugushikira aho incuti, umuryango... wari wizeye ko bokwakira, bakagutererana ? Uko niko vyagendeye Yesu. Yarababaye.

3. Harabonetse abakira umuco.

Umur. 12 « Ariko abamwakiriye bose, yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana, nibo bizeye izina ryiwe. Abo ntibavyawe n’amaraso canke ukwipfuza kw’umubiri… »

•Umuntu areka kuba umwana w’Imana gute ?

« Abo ntibavyawe n’amaraso » ntiwabaye umwana w’Imana kuko wahawe izina ry’Ubukristo canke wavukiye mu muryango ukijijwe canke mbere ngo ube ufasha abakene benshi hasanzwe hari n’abashingantahe beza bakora vyinshi kugusumvya ariko batahawe ububasha bwo gucika abana b’Imana

•Ducika abana b’Imana gute ?

Umugani w’abanyamerika uravuga ngo : « Imana ntabuzukuru igira » Nta n’umwe yavutse ari umwana w’Imana. Twese twavutse turi « Abantu b’Imana » kuko twaremwe nayo. Kuba umwana w’Imana, turabicika ntitubivukana. Ibi bishoka iyo urambiwe n’ubuzima bubi urimwo. Ukemera ivyaha vyawe, ukavyatura., ukavavanura navyo ukakira Yesu mu mutima nk’Umwami n’umucunguzi wawe. Nibo bakiye izina ryiwe. uca uba mu muryango mushasha. Data umwe n’abana biwe.

V. Gushira mu ngiro.

Imana yanejerejwe no kurema umuntu mw’ishusho yayo ; imuha ubwenge gusumba ibindi biremwa vyose vyo mw’isi kugira aze abe incuti yiwe kandi ayishingire intahe mu mahanga yose. Icaha kimaze kuza ; isi yuzura umwijima, niho Umuco waza muri yo. Ikibabaje ni uko kugera n’ubu abenshi banse kwakira uwo muco. Bahisemwo kuguma mu mwiza. Iherezo ryabo ni mu muriro utazima.

Birashoboka ko nawe woba ugikekeranya ko umuco (Yesu) uri muri wewe canke ukaba utaratahura icatumye Imana ikurema ikakuzigama gushika ubu. Urashobora guhaguruka ugasenga ubu nyene. Ukiyambura ibinyoma vy’imana y’iki gihe. Kristo arakumurikira kandi uraca uhabwa ingabire y’ubugingo budashira winjire mu muryango mushasha w’abana b’Imana. Data umwe n’abana biwe

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.