Language

Select Wisdom Brand
 
AGAKIZA INGABIRE NKURU KUWIZEYE WESE (Yohana 3:19-21)

AGAKIZA INGABIRE NKURU KUWIZEYE WESE (Yohana 3:19-21)

Series: Yohana (John)
Ref: John 3:19–21

AGAKIZA INGABIRE NKURU KUWIZEYE WESE

Yohana 3:19-21

Ijambo ngenderwako : « Nuko muzobamenyera ku vyo bama » Mat. 7:20

I. Intangamarara. Twafashe umwanya munini twiga iki gice ca Yohana 3, ivyirwa bimwe birisubiriza muri iki gica. Twashoboye gutahura Yesu Kristo uwariwe n’ingabire y’agakiza yatanze kub’isi. Hari abavugisha akanwa ko bakijijwe, ariko vy’ukuru batarakira iyi ngabire yatanzwe na Yesu. Ukuri kuzwi n’umuntu ubwiwe. Amajambo arabesha, muzobamenyera kuvyo bama.

Umuntu yokubwira ko agukunda, akakugabira ibintu ukeneye vyose, akagutwengera iyo muhuye n’amajambo meza ; ariko vyukuri niwe wenyene azi ukuri kwiwe mu vy’urwo rukundo akubwira. Bishobora kuba bitandukanye nivyo akwereka. Igihe kitabaye kirekire, uzomenya uwariwe.

II. Ibikorwa vy’agakiza.

Soma. Imirongo 20 ,21 igiti ciza kimenyekanira ku vyamwa vyaco. Yesu ntiyavuze ngo ; « Uwukora ibikorwa vyiza aza k’umuco. » Yavuze ati : « Ariko uwukora ivyo ukuri aza ku muco. » birashoboka gukora ibikorwa vyiza ( Kuvuza abarwaye, kugaburira impunzi, gufasha,….) hari n’amashirahamwe akora ibikorwa vyiza mw’isi ; ntibisigura ko ari ibikorwa vy’ukuri. Hari n’ababikora ku nyungu zabo.

Ijambo “Ukuri” Yesu yakunda kurikoresha agira ati : Ni ukuri ni ukuri ndababwire…. Aha ni uko yarazi ko ata kinyoma kiri muvyo avuga. Ukuri ni icananiye abenshi muri ino si (Muri politike, m’urudandaza, mu mashengero, amashirahamwe, mu ngo z’abubatse…), ari naco gituma batinya umuco. Ibikorwa vy’ukuri bibonekera bose ko vyakorewe mu Mana. Si ibikorwa vyiza bizotuma umuntu aja mw’ijuru, ahubwo ni ibikorwa vy’ukuri.

III. Ivyamwa vy’akakiza. 1. Ukuri: 2 Peter 2:2 « Kandi ingeso zabo z’isoni nke benshi bazozikurikira ; kubw’ivyo, inzira y’ukuri bazoyitukisha. » Umugororotsi abayeho ubuzima butandukanye n’umunyabicumuro. Igihe cose uzoba ukivuga ikinyoma kugira ubikuremwo inyungu, wikize… uzumenye ko ukiri umwana mu kwizera.

Yoh.8 :44 « Iyo avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kuko ari umunyabinyoma, kandi ariwe se wavyo. » Umunyakinyoma wese ni umwana wawa mugwanizi. Ikibabaje ni uko hari n’ababeshera Imana Yehova bakoresheje bibiliya canke ingabire ngo ni ivyo beretswe. Ikinyoma bacambika urusato rw’ukuri.

2. Urukundo : Yoha 13:34-35 : « Ndabaha icagezwe gisha, ni mukundane… ni mwagiriranira urukunda ni ho bose bazomenyera ko muri abigishwa banje. »

Ivyagezwe 613 vyari vyaratanzwe n’Imana biciye mu kanwa ka Mose, hari hakenewe ikindi cagezwe gisha. Urukundo. Urukundo rwari rwarabuze mu bantu b’Imana. Yesu yabwiye intumwa ziwe ko zigenda mw’isi yose, guhindura abantu abigishwa. Ikimenyetso cerekana mwabaye abigishwa ba Kristo ni uko haba urukundo.

3. Ibikorwa: Yakob2 :17. « Ni ko bimeze, n’ukwizera kutagira n’ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye. » Ivyahish. 8:3. « Ahabwa imibavu myinshi ngo ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kiri imbere y’iyo ntebe. » Ibikorwa bishirwa hamwe n’ugusenga, bikagera imbere y’Imana., iyo hari ico usaba Imana, irakwishura.

Mu gihe umutima wa muntu umaze kwakira agakiza, arakeneye gushirako ibikorwa. Ibikorwa nivyo gahembo Imana izoha abamwizeye. Hazobaho guhembwa bitandukanye k’umuntu azoba yahawe ubugingo budashira. 1 Kor. 3:12-15.

IV. Gushira mu ngira. Hari inyungu kuri uwo wese yemeye kwakira ingabire y’ubugingo budashira.

1.Amahoro n’umunezero biri muvyo Kristo yahaye abamwizeye mu gihe cose bakiri mw’isi. Woshobora kubaho uboneka ata butunzi, icubahiro... ufise mw’isi, ariko ukarusha abatunzi n’abanyacubahiro umunezero n’amahoro.

2. Nta bwoba bw’urupfu k’umugororotsi. Ivyizigiro vy ‘ijuru biba m’ubuzima bwabo.

Ukuza k’umwami Yesu kuri hafi n’ibimeneyetso biraboneka. Ingingo ufata niyo buzima bwawe muri iki gihe n’inyuma y’urupfu

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.