Language

Select Wisdom Brand
 
YESU NA SE NI UMWE (Yohana 5:15-23; 31-40)

YESU NA SE NI UMWE (Yohana 5:15-23; 31-40)

Series: Yohana (John)
Ref: John 5:15–23, 31–40

YESU NA SE NI UMWE

Yohana 5:15-23; 31-40

Ijambo ngenderwako : « Uwubonye jewe aba abonye Data. » Yoh. 14:9

I. Intangamarara Imirongo ya mbere muri iki gice irerekana ingene Yesu Kristo yakijije uwari arwariye ku kidengeri. Ibi vyatumye abayuda bashaka kumwica. Aha ngo ni uko yakengereye isabato, agatako akiyita Imana ko ari se bwite, akiringaniza nayo. Umur wa 18.

II. Yesu na se ni umwe. Yesu aravuga ati : « Jewe na Data turi umwe. ». Hari inzira tuboneramwo uko kungana kwa Yesu Kristo na Data.

•Umurongo wa 17 : Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora. Iri jambo ryereka ko ububasha bwa Yesu bungana n’ubwa se. Soma umurongo wa 19. Aha Kristo ntiyerekana ko adafise ububasha nk’ubwa se ; ariko yerekana ubumwe bafitaniye. Hama hari ubumwe budasanzwe hagati y’abaperesona batatu : Imana Data, Umwana na Mpwemu Yera.

Ntaco Data akora ahishije Umwana, ntaco Umwana akora ahishije Mpwemu Yera na Mpwemu Yera ntaco akora batabizi. Ijuru n’isi mukuremwa; umuntu mugucungurwa, wabaye umugambi w’ijuru. Ariko vyose bikorerwa m’urutonde.

Data niwe nyen’ubutware. Yicaye mu ntebe y’ukuganza. Arafise ivyo ashaka ko biba kw’isi no mw’ijuru. Bishirwa mu ngiro na Kristo na Mpwemu Yera.

Yesu Kristo ariho ni umuvugizi w’ijuru. Niwe Jambo. Ariko na Data canke Mpwemu Yera baravugana n’abantu. Ni Uhoraho, yabayeho vyose bitarabaho. 1 Kolosay 17 : « We Yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we vyose niho bifataniye. »

Umugambi w’Imana wo gucungura abantu, rwari urugendo rurerure. Washizwe mu bikorwa na Yesu Kristo. Umur wa 21 ; « Nk’uko se azura abapfuye akabaha ubugingo, niko n’Umwana aha ubugingo abo agamba. »

Mpwemu Yera m’ubufatanye na Data na Yesu kristo ahari ngo afashe abana b’abantu gutahura no gushira mu ngiro ijambo rya Jambo uko yaryigishije. Ni umuraririzi w’umugeni wa Kristo. Niwe mufasha wacu.

Ikibanza c’umuntu muri ubwo butatu ni uko ari ikiremwa c’Imana. Ibirengeye ivyo, ni uko abemeye kwakira Yesu Kristo baronse ububasha bwo gucika abana b’Imana. Bategurirwa ikibanza co kuzobana nawe mw’ijuru inyuma y’urupfu rwo m’umubiri. Imana niyo se.

Igihe umwana yavutse ntamenye se, asazana agahinda. Ariko ababo barazi se wabo nawe arabazi bose kandi arabakunda.

III. Ibintu bitandatu bishingira intaha Yesu. 1. Ijambo : Umur wa 31 : « Asanga nishingira intahe, intahe yanje ntizoba ariyo ukuri, » ijambo rya Yesu avuga riramushingira intahe.

2. Yohana Umubatizi : umur wa 33 na 35 « Mwebwe mwatumye kuri Yohana ashingira intahe ukuri. » Ni ukuri ntawoterwa n’ugukekeranya.

Vyari bizwi ko atawundi yemererwa guharira ivyaha vy’abantu atari Imana, ariko Yohana yavuza ati « ng’uyu umwagazi w’intama w’Imana ukuraho icaha c’abari mw’isi. » Yoh.1 :29 kandi Yesu Kristo yahariye ivyaha vy’abariho n’abavutse nyuma y’urupfu rwiwe bakemera kumwakira.

3. Ibitangaza. Yesaya yaravuze ko igihe Mesiya azozira impumyi zizohumuka, abacumbagira bakagende neza, abapfuye bazuke. Nivyo Yesu yabwiye uwari arwariye kukidengeri. Ikorere ikirago cawe ugende. Umur wa 8. Ibi vyari bitandukanye n’ivyo abarongozi b’idini bakora. Yesu ni Mesiya.

.4. Imana Data : Umur. wa 37. Kandi Data yantumye niwe anshingira intahe. Imana Data yaranashingiye intahe Yesu ko ariwe kristo bari k’umusozi aho yakayanganao. Mat.17

5. Ivyanditswe : Umurono wa 39 urerekana ko yesu Kristo ariwe Mesiya.

6. Bamwe mubakuru b’idini : Nkodemu yayaze na Yesu, arizera, amushingira intahe. Mu nyuma Abaherezi barumviye ukwizera bashingira intahe Yesu. Ivyakoz. 6:7. «Nuko ijambo ry’Imana rirarwira abigishwa barongerekana cane i Yerusalemu, n’isinzi ry’abaherezi bumvira ukwizera »

IV. Ni kuki abantu batemera kwakira Yesu kristo ?

Agakiza kari nivyo gasaba kwihebera. Pawulo yandikiye ab’i Filipi

Ab’I Filip 3:7 « Ariko ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira ko ari ubuhombe kubwa Kristo. » kugira ngo wakire kristo mu bugingo bwawe, biragusaba kubona ibintu bimwe bimwe vyawe nk’ubuhombe.

Woshoboye kudandaza ibiyayura mutwe kuko birunguka, wokoze forode nk’abandi, wocishiijemwo ugasambana nk’abandi, wokwihebeye politike nkuko abandi babikora… ariko kubwa Kristo bigusaba kubireka. Uku nikwo kwikorera umusalaba ugakurikira yesu.

Ibi nivyo bituma, ab’isi batakira Yesu Kristo nk’Umukiza n’Umwami w’ubuzima bwabo. Banka kuvirira ico bise ibinezero vy’isi.

V. Gushira mu ngiro

Umugambi w’Imana ku bantu ni uko bose bohinduka abigishwa ba Kristo ; bagakira urubanza rw’urupfu ; bakazorarwa ubugingo budashira. Ntacogutuma uguma werekeza ubuzima bwawe mu rwobo rw’urupfu. Yesu aracagukunda.

Hamwe woza kuri we ; uzotahura ko ijuru rigukunda kandi ko Yesu Kristo ariwe mwagazi w’intama yiciwe abanyavyaha kubw’ivyaha vyabo. Ni umukiza, yama yiteguye gukiza abamwemeye, atari kubakiza umuriro udahera gusa, ariko abahe ubugingo budashira bazobane nawe mw’ijuru. Babone Data, Yesu na Mpwemu Yera amaso muyandi ibihe bidashira. Nawe ngwino Yesu arakurindiriye.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.