Language

Select Wisdom Brand
 
YESU KRISTO NI NDE? (Yoha. 1:1-14)

YESU KRISTO NI NDE? (Yoha. 1:1-14)

Series: Yohana (John)
Ref: John 1:1–14

YESU KRISTO NI NDE?

Yoha. 1:1-14

Ijambo ngenderwako: Yarakengerwa, agahebwa n’abantu, yari umunyamibabaro,yari azi intimba icari co,yakengerwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe ntaco twamibajijeko. Yes. 53:3

I. INTANGAMARARA

Iki gisomwa kirasigura uwo Yesu ariwe Jambo uwariwe. Yesu Kristo yar’ Imana yihinduye umuntu. Reka twige ibintu bitandatu vy’ukuri vyo muri Bibiliya bivuga uwo Yesu ari :

I. YESU KRISTO YARI IMANA.

II. YESU YARI UMUNTU.

III. YESU KRISTO NTACAHA YARAFISE.

IV. YESU KRITSO N’UMWAMI N’UMUKIZA WACU.

V. YESU KRISTO YARAZUTSE MUBAPFUYE.

VI. YESU KRISTO AZOGARUKA KANDI.

 

II. YESU KRISTO YAR’ IMANA

Ijambo ry’ Imana riremeza ko yar’ Imana.

Yohana 1:1 havuga : “ Ubwa mbere na mbere JAMBO yariho, kandi JAMBO yahoranye n’Imana, kand’uwo JAMBO yar’Imanaˮ.

Icambere, menya neza ko “JAMBOˮ yamyeho kuva mw’itanguriro. Muyandi majambo, JAMBO yar’ Imana. JAMBO yahozeho. JAMBO ntagira intango n’iherezo. N’UHORAHO.

Kubw’ivyo, IMANA yihinduye umuntu iza kubana natwe. Uyo ni YESU KRISTO.

III. YESU YARI UMUNTU

Muyandi majambo, Imana yahindutse umubiri. Yacitse umuntu.

Ijambo ry’Imana rivuga ngo : “Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uzumwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyaboˮ. “Matayo 1 :20-21ˮ

Bibiliya iravuga ko Yesu Kristu yakuze nk’umuntu.

Umugabo wa nyina, Yosefu, yar’ umubaji. Igihe yaratanguye gukura mumyaka hafi y’imyaka 12 y’amavuka, Yosefu na Mariya bamutwaye i Yerusalemu ahari Ingoro.

IV. YESU NTACAHA YARAFISE

Nikubera iki Yesu yavutse kw’isugi?

Igituma n’uko icaha cinjiye mu muntu. Abaroma 5:12 haravuga, “None rero ko bimeze birtyo, nk’ukw’icaha cazanywe mw’isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika kubantu bose kuko bose bakoze ivyaha.ˮ

Yesu yavutse atacaha afise. Ntiyarafise se wo mw’isi. Icaha cinjiye mu mugabo, ntabwo ari mu mugore.

Kubw’ivyo, Yesu ntiyigeze agambararira abavyeyi biwe canke ngo yibe, agire ubwibone, asambane,agira ishari, yirata,atukane. Ivyo ntivyari muri we kuko se atari umuntu.

V. YESU N’UMUKIZA

2 Ab’ i Korinto 5:21 haravuga, “umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha k’ ubwacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imanaˮ.

Ibi bisigura ko Yesu Kristo uwaratunganye kandi agororotse yapfuye k’umusaraba kandi yasheshe amaraso yiwe. Igihe Yesu yapfa k’umusaraba Imana yamushizeko ivyaha vyacu vyose.

Yesaya 53:6, “Uhoraho amuremeka ukugabitanya kwacu tweseˮ

Yohana 1:29 haravuga, “bukeye bw’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukurah’ icaha c’abari mw’isiˮ.

Yesu n’umukiza wacu !

VI. YESU N’UMWAMI WACU !

Yesu n’Umwami wacu. Yesu n’Uwutuganza. Yesu niwe adutunze, nta wogira ico aronka canke abe atari uko Yesu abimukoreye. Yesu kristo niwe agenzura ibintu vyose. Kuba Yesu ari Umwami w’ubuzima bwawe, bisigura ko wamuhaye ukuganza ubuzima bwawe.

VII. YESU YARAZUTSE MUBAPFUYE.

Bibiliya iremeza yuko inyuma yugupfa kwa Yesu k’umusaraba kubw’ivyaha vyacu, yarahambwe hama arazuka mu bapfuye umusi ugira gatatu.

1 Ab’i Korinto 15 :3-4 havuga ngo, “kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw’ivyanditswe bivuga, agahambwa akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw’ivyanditswe bivugaˮ.

VIII. Gushira mu ngiro

Ikibazo n’iki : Yoba Yesu Kristo ar’ Umwami n’umukiza wawe ? Urashobora kwakira Kristo mu buzima bwawe uno musi.

Ubwambere, ihane ivyaha vyawe. Ivyo bisigura guhindukira uva mu vyaha vyawe ukareka Imana ikakurongora, igahindura ubuzima bwawe kandi ikakuganza. Niba wari n’ugukekeranya wohaguruka ugasenga.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.