Language

Select Wisdom Brand
 
YESU AHUMANURA URUSENGERO (Yoh. 2:12-25)

YESU AHUMANURA URUSENGERO (Yoh. 2:12-25)

Series: Yohana (John)
Ref: John 2:12–25

YESU AHUMANURA URUSENGERO

Yoh. 2:12-25

Ijambo ngenderwako : « Nanje ndakubwira yuko uri Petero, kandi kuri urwo rutare nzorwubakakao ishengero ryanje, kandi amarembo y’i kuzimu ntazorishobora. » Mat. 16:18

I.Intangamarara.

•Igikorwa cazanye Yesu mw’isi kwari gutunganya vyose neza kugura ab’isi bose bamenye Imana y’ukuri n’uwo yatumye Yesu Kristo ; aho babe baronse ubugingo budashira.

Umwami Yesu yinjiye muri uru rusengero, asanga bariko barudandarizamwo inka, inuma, abavunja amahera.

Abisilayeli bavuye mu mihingo myishi (Mubugiriki, i Roma, muri Egiputa...) baraza gusengera i Yerusalemu. Bikabasaba ko bavuja amahera yabo mu mamashekeli y’Abisilayeli.Kandi vyabasaba ko batanga ibimazi vy’ibitungwa nk’uko Uhoraho yari yarabishinze. Gusubir. 12:6.

Aha abaherezi baciye bahitamwo gushira isoko m’urusengero kugira abavuye kure baze baragurira ibitungwa aho, bashobore no kuvunjisha amahera yabo bitabagoye. Banka ko basubira inyuma badatanze igitungwa canke amahera.

Ibi bibabaza Yesu cane, aca atsiba igitsibo atangura kubahindira hanze. Yariko akubura urusengero.

•Mesiya ntiyazanywe no gushigikira imigenzo y’idini ; ariko yaje kubaka urushengero arirwo umutima w’umuntu. Yitanze k’umusaraba, aricwa,

arahambwa, azuka k’umusi ugira gatatu kugira uwugomba kumenya Imana Uhoraho bimworohere. Amategeko yari aremereye yananiye n’abayahawe.

•Urudangaza nk’uru rwarabaye mw’ishengero gatolika aho kugira ugirirwe ikigongwe c’ivyaha ; wasabwa gutanga amahera canke igitungwa (Indiligence) Uronse make ; bakubwira ko ubabariwe bike, ibindi bizokuvako uzanye ayasigaye. Martin Luter niwe yabisize ahabona, havyuka amatati muri iryo dini, arinaho havuye ishengero rya mbere ry’igipoloti EGLISE LUTHELIENNE.

II. Yesu yihishurira mu gikorwa. 1. Arababwira ati : « Ntaco muhindura inzu ya Data inzu y’akaguriro » ibi yabivuze imbere y’abakuru b’i Sinagogi. Baratangara kuba ayise inzu ya Se.

2. Yesu yihishurira Abayuda aho bamubajije bati : « Utwereka ikimenyetsi ki ; gituma ukora ivyo ? Arababwira ngo musambure uru rusengero… » Uwo bari bazi ko yobahangara agasambura ibintu vyabo, yari Mesiya. Aha vyabateye kumwibazako cane. Babonye ivyo akoze, bafata umugambi yo kuzomwica bakamwikiza.

Abafarizayo barabona ko azohava abakuririraho porogarama yo kwakira no kwirira ibitungwa. Muvyo bamureze, bavuga ngo : yasambuye isoko yo m’urusengero.

▼. Ishengero si ikibanza co kurondereramwo ubutunzi bw’isi. Ni ikibanza co guhinduriramwo abantu kuba abigishwa ba kristo. Kugira ubishikeko, bizogusaba gutanga n’ivyawe.

3. Yesu yerekaniye ububasha bwiwe no muri runo rusengero. Yabwiye Petero ati : « Kandi kuri urwo rutare nzorwubakakao ishengero ryanje, kandi amarembo y’i kuzimu ntazorishobora. » yavuga ko abazokwizera inyigisho z’intumwa, aribo nshengero ryiwe.

Abo nabo birasabwa ko baba bafise ahantu hazwi bahurira kugira bige, basenge, bahimbaze Imana « Inyubako y’urusengero » Umwana wo mw’ibarabara nta ndero runtu agira. Arico gituma ico kibanza co guhimbarizamwo Imana gitegerezwa kwubahwa.

Si vyiza ko ibikoresho bikora m’urusengero bijanwa gukora mu bindi bikorwa. Canke ngo m’urusengero hakorerwe ibindi bikorwa atari ivyateguwe n’ishengero. Ivyo bisa no kubihumanya.

III. Gushira mu ngiro.

Kugira ngo akubure urusengero vyamusavye kubanza gutsiba igitsibo arakubita, arahenagura, aravuga. N’ubu niba yoza kugendera ubuzima bwawe, ivyiyumviro, umutima wawe, inzu yawe... Vyomusaba gukoresha inguvu nk’izi ?

Urasabwa kuraba ivyuzuye umutima wawe. Yoba ari ishari, inzigo, ivyipfuzo vy’ubusambanyi, …. Birashoboka ko ukeneye Yesu ngo aze abihindire hanze. Mwemerere yinjire m’ubugingo bwawe. Hamwe no gusenga, vyose bishobokera uwizeye.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.