Language

Select Wisdom Brand
 
WIZERA KO YESU ARI NDE ? (Yohana 7:1-13)

WIZERA KO YESU ARI NDE ? (Yohana 7:1-13)

Series: Yohana (John)
Ref: John 7:1–13

WIZERA KO YESU ARI NDE ?

Yohana 7:1-13

Ijambo ngenderwako : Petero aramwishura ati : « Uri kristo, Umwana w’Imana nzima. » Mat. 16:16

I. Intangamarara

Yesu ntiyagomvye kuja muri iyi misi mikuru y’amahema kuko Abayuda barondera ingene bomwica. Iyi ni imwe mu misi mikuru itatu yari ihambaye mu Bayuda. Gusub.16 :13. Abantu baduga gusenga i Yerusalemu bashima Imana kubera yabahaye kwimbura bagatanga ibimazi vy’ishimwe.

Bene nyina ntibamwizera baramusaba ngo ajeyo. Abo nabo tubabona mu gitabo ca Matayo 13 :55-56. Nyuma yuko Yesu avutse ku nkumi Mariya ; yagumye yubakanye n’umugabo wiwe Yosefu nk’umugore n’umugabo bashingiwe. Abemeza ko Mariya adafise abandi bana ni ikinyoma. Bafise intumbero yo kureka abantu ngo bizere ibinyoma, babe bahushije ubugingo.

II. Uko benenyina ba Yesu bamwibaza.

1. Bamwiyumvira nk’umuhungu w’umuforodano, umubeshi, umuhungu yishwe n’inzara ariko w’ububasha bwinshi kandi yamenyekanye cane. Ibi bibonekera mu majambo y’agahemo bamubwiye .umur. wa 4. Ntibamukunda.

2. Bamwibaza nk’umuhungu ashoboye gukora ibitangaza koko, ariko batabona ingene abiteranganya akemeza ab’isi bose. Baramubwiye bati : « Ko ukora ivyo niwiserure mu b’isi. » Iyumvire amajambo bavugana igihe atari muhira. Mbe nyina Mariya yoba yababona gute ?

Ntivyoroshe gutahura inzira y’agakiza uretse uyirimwo. Nico gituma naho woba uri umusuma, umubeshi, umusambanyi bitabuza Imana kugukunda.

N’imiryango myinshi ntiyihuta gutahura uwubavuyemwo agakizwa. Barashobora kukurwanya. Ni ivyanditswe. Soma Luk. 12:51-53. Uku kwankwa n’umuryango vyatanguriye kuri Yesu. Umuhamagaye aragutabara. Hari imyifato wokwifata :

1. Yesu yari azi ivyaha vya benewabo ariko ntiyaciye abibagiriza aho nyene. Bariko bamuhatira kuja gusenga nabo batajayo. Urashobora gucereza mu gihe bagutuka.

2. Urafata akanya ko kubashingira intahe y’ubuzima bwawe bwahindutse kubera agakiza, ukabereka ubuzima bushasha ubayemwo.

Ico wokora ni gushimika ntucike intege kuko nyuma y’imisi bazobitahura kuko Mpwemu aba ariko arakora.

III. Uko isi yabona Yesu.

Soma Yoh. 7:12 na 43.

Ishengero ryageze aho rimupfa kubera ko bamubona bakamwizera m’uburyo butandukanye. Hari uburyo 7 bamubona : • Ni umuntu mwiza (Umur. wa 12), • Arazimiza (Umur. wa 12), • Umunyabwenge ataciye mw’ishuri (Umur. wa 15), • Arimwo dayimini (Umur. wa 20), • Umuhinga mu gukora ibitangaza (Umur. wa 31), • Umuvugishwa n’Imana (Umur. wa 40), canke • Mesiya. Kristo (Umur 41).

Iki gice cerekana ivyiyumviro vy’abantu ba kera n’ab’iki gihe kuri Yesu. Ni ahawe kwemezanya n’umutima wawe uko umubona ukanamwizera.

IV. Uguhutimwo kwa muntu

Umur wa 17 : « Ni haba hari uwugomba gukora ivyo uwo agomba , azomenya izi nyigisho ko zavuye ku Mana. »

Iri jambo ryerekana uburenganzira bwo guhitamwo kwakira agakiza canke kubireka. Agakiza ni ingabire itangwa k’ubuntu igahabwa uwuyipfuje. Igihe umuntu adashimye kuyakira, ntayihabwa kunguvu. Ibi bizotuma umwe wese ashima urubanza azociribwa inyuma y’urupfu. Kuzukira ubugingo canke ubumaramare.

V. Gushira mu ngiro.

Imyaka 2020 irarenga Yesu avuye mw’ijuru akavukira mw’isi,akabana n’abantu. Benenyina n’ab’isi bamwise uko umwe wese avyishakiye. Yaremeye arababazwa k’umusaraba ; arapfa arahambwa, k’umusi ugira gatatu Imana imuzura mu bapfuye. Ibi vyabaye kugira ngo ahe uwo wese amwizeye ingabire y’agakiza.

K’uruhanda rwawe, niwewe uzi uko umufata canke urugero ugezako mu kumwizera m’ubuzima bwawe.

Ushobora kuba womwita : umuntu mwiza, Kristo, Umukiza… Aho haba hasigaye kumenya ubwawe ko wamwemereye akaganza ubuzima bwawe.

Ni nkuko womwita : Uwuzimiza, canke arimwo dayimoni… no kuri ivyo arinumira. Yohana 12:48. « Ariko uwungaya ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsinda. » Aka kagaye bamugaya ntibizoherera aho gusa. Bizoshirwa imbere y’intebe y’imanaza y’Imana bacirwe urubanza. Ukudakizwa ni kugaya amajambo yiwe.

Aka ni akaryo uronse ko kwegera umusaraba mu gusenga kugira uhitemwo kubaka imigenderanira yawe na Yesu Umwami.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.