Language

Select Wisdom Brand
 
UBUGINGO BUDASHIRA (Yohana 17: 1-5)

UBUGINGO BUDASHIRA (Yohana 17: 1-5)

Series: Yohana (John)
Ref: John 17:1–5

UBUGINGO BUDASHIRA

Yohana 17: 1-5

Umurongo ngenderwako: “Ubu nibwo bugingo budashira, ko bamenye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristoˮ. Yohana 17:3

I. Intangamarara

Umwami Yesu, yarabona ko igihe ciwe co kuba hano kw’isi kiri hafi, asaba se ko ashimangiza izina ryiwe. Niho yasobanura icarico ubugingo budashira.

Hari ukuzazanirwa kwinshi uno musi kubijanye n’iki kibazo c’umutekano uhoraho. Muyandi majambo, mbega igihe ukijijwe, ukijijwe ibihe bidashira ?

Birahambaye cane ko uwizera wese agira ukwemezwa kw’ubugingo budashira.

Udafise ukwemezwa ko ufise ubugingo budashira, ntibizoshoboka ko ugira amahoro, umunezero n’ububasha kugira ng’ubeho ubuzima rukristo bw’intsinzi.

Nimba wizera ko woshobora gutakaza Agakiza kawe; rero uca umenya ko utarakizwa. Mbega ni kuruhe rugezo woshobora gutakaza Agakiza?

Mbega hoba hariho ivyaha kanaka vyotuma utakaza agakiza kawe? nimba ar’uko biri, mbega n’ibihe?

II. Ubugingo budashira n’iki ?

Yohana 17:3 Yesu aravuga, “Ubu nibwo bugingo budashira, ko bamenye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristoˮ.

Ijambo nyamukuru mur’uno murongo ni “Kumenyaˮ. Risigura imigenderanire y’ibwina ugiranira n’Imana ku gatwe kawe. Umugabo aramenyana n’umugore wiwe m’uburyo bw’umubiri mu gihe c’imibonano mpuzabitsina kuko baba babaye umwe.

Gurtyo nyene, Ubugingo budashira n’igihe ucitse UMWE n’Imana na yo igacika umwe nawe. Intumwa Paulo akoresha ano majambo, “Muri kristoˮ. Turi “muri Kristoˮ kandi Kristo ari “muri tweˮ. Kwakira Yesu m’ubugingo bwawe, uba uhawe ubugingo budashira. Inyungu iva mur’iyi migenderanire n’Imana n’ukubaho ibihe bidashira mw’ijuru inyuma y’urupfu rwawe.

III. Ijamabo “uguhorahoˮ bisigura iki ?

Yohana 3:16 havuga, “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’umwizera wese nt’az’apfe rubi, arikw’ahabwe ubugingo “budashiraˮˮ.

Mbega twoshobora gusoma uno murongo tuvuga, “……arikw’ahabwe ubugingo kugeza mundwi iza ? kugeza mumwaka uza ? kugeza usubiye gucumura?ˮ

Oya, uyu murongo uvuga, “ubuzima budashiraˮ

Ukudashira bisigura ukudashira. Ivyo bisugura uguhoraho. Ntibugira iherezo. Ivyo bisigura ibihe vyose.

Ntibishoboka ko umuntu atakaza agakiza kiwe kuko ariko bugingo budashira.

IV. Ingabire y’Imana.

2 Ab’i Korinto 9:15 « Imana ishimwe ingabire yayonziza itovugwa. »

Abaroma 6:23 « Ingero y’icaha n’urupfu ingabire y’Imana ni ubugingo budashira bubonerwa muri kristo Yesu. »

Ingabire ni ico cose uronka ata kiguzi utanze. Bishoboka ko indishi yatanzwe n’uwundi. Imana yahaye abantu ingabire ariwe Yesu umwana wiwe w’ikinege. Uwumenye akobgera akakira Yesu, amuha iyi ngabire y’agakiza. Agakiza kakamuha ubugingo budashira buzobandanya n’inyuma y’urupfu. Kuja mw’ijuru. Nta bikorwa vyiza wokwerekana kugira bigushikane ku gakiza. Ni ubuntu bw’Imana.

V. Gushira mu ngiro

Igikorwa Yesu yakoze co kubambwa k’umusalaba, akamena amaraso carishe ikiguzi cose c’ivyaha vyakozwe n’abantu. Bituma uwumwizeye ahabwa ingabire y’ubugingo budashira.

Nta kindi cotuma uhabwa iyo ngabire atari uko Imana n’uwo yatumye Yesu kristo. Abenshi barayumva, bakayibona ariko bakanka kuyakira kuko bayikengereye. Ivyo bizobaviramwo gutsindwa n’urubanza rw’Imana. Wewe niba wumva wipfuza iyo ngabire, wohaguruka ugasenga n’ubu araguha ubugingo budashira. Mw’ijuri ni heza nawe vyokubera kuzojayo.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.