Language

Select Wisdom Brand
 
MPWEMU YERA NINDE? (Yohana 16:7-19)

MPWEMU YERA NINDE? (Yohana 16:7-19)

Series: Yohana (John)
Ref: John 16:7–19

MPWEMU YERA NINDE?

Yohana 16:7-19

Ijambo ngenderwako: “Ariko umwitsa, Uwo Data azorungika mw’izina ryanje;niwe azobigisha vyose, kandi azobibutsa ivyo nababariye vyoseˮ. Yohana 14:26

I. Intangamarara

Iyumvire uko abigishwa bamerewe bamaze kumenya ko Yesu Kristo yaragiye kubambwa. Baragendanye kandi barakoranye nawe imyaka itatu. Yari umurongozi wabo. Bahevye ivyabo vyose baramukurikira. Baramwisunga.

Bari baramwumvise yigisha. Bari baramubonye akora ibitangaza.

Ubu rero, yaragiye gupfa. Yaragiye kubasiga. Bari bababaye kandi atavyizigiro bafise. Hama Yesu arabasezeranira kuzobarungikira Mpwemu Year. Abasigurira mu ncamake ico azobamarira.

II. Mpwemu Yera ninde?

Mpwemu Yersa ni Imana imwe mu butatu. Yesu yigishije abigishwa biwe ko abazokwizera bazohora babatizwa mu butatu : “Mw’izina rya Data ni rya Mwana n’irya Mpwemu Yeraˮ. Mpwemu Yera nawe arafise ivyiyumviro n’ukugomba. Aranezererwa, arashavura, ...

Uyu aba hose icarimwe kuko ni Mpwemu nyene : “ Mbega Mpwemu wawe nomuhungira he canke nohungira munyonga hawe » Zaburi 139:7-10

Ni umunyenkomezi: “Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Isumba vyose buzogutera igitutu : Nico gituma Uwera azovuka azokwitwa Umwana w’ImanaˮLuka 1 :35

Mpwemu yera niwe rufunguruzo mukuzana abazimiye kuri Kristo kuko arashinga intahe ko Yesu ari ukuri. Akinjira mu mutima w’umuntu.

Igihe ukijijwe ni Mpwemu Yera aza mumutima wawe akawugumamwo. Yesu Kristo aza mubuzima bwawe m’uburyo bwa Mpwemu Yera. Ibi muri Bibiliya vyitwa “Umubatizo wa Mpwemu Yeraˮ. Ashoboza umukristo gutsinda ikinyoma ca Satani, akoresha Ijambo ry’Imana. Niwe akomeza umukristo mu rugendo ruja mw’ijuru. Niwe azoterurira uwakijijwe mu kirere igihe c’inzamba ya nyuma.

III. Ukwuzura muri mpwemu yera.

Urufunguruzo n’ukwuzura canke kurongorwa na Mpwemu Yera. Igihe ariwe ari kuburongozi, azokuyoborera munzira no m’ubugombe bw’Imana.

Abanyefeso 5:18 havuga : “kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ubuhumbu, ariko mwuzure Mpwemuˮ.

Igihe twuzuye Mpemu Yera ivyamwa vya Mpwemu Yera bizovuka muri twebwe. Ntushobora kwamira ivyamwa Imana. Imana niyo ivyamisha muri twebwe.

Ab’i Galatiya 5:22-23 havuga : “Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirindaˮ uzomenya ko wuzuye Mpwemu Yera igihe ariwe akuronora mu bikorwa vyawe vyose kandi nawe ukamwumvira.

•Aha niho tubona itandukaniro riri hagati yo kuzura Mpwemu Yera no kuvuga indimi. Kuvuga indimi vyokuzako utaranaheba ivyaha kandi udafise Mpwemu Yera ugakoreshwa nk ; ikiraro kijana abandi mw’ijuru.

•Ukwumvira Mpwemu, N’ukumubwira utiziganya uti, “ba Umwami wanjeˮ.

IV. Guhira mu ngiro.

Woba wipfuza kubaho ubuzima rukristo bw’intsinzi? Ntibishoboka mugihe ugerageza n’inguvu zawe.

Urufunguruzo rw’ubukristo bw’intsinzi si ukugerageza n’inkomezi zawe gukora ivyiza, ahubwo n’ukwemerera Mpwemu Yera mu guca bugufi mu gusenga, uwusanzwe aba muri wewe akagira ukuganza kwose mu buzima bwawe imisi yose.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.