Language

Select Wisdom Brand
 
KUBONA CANKE GUHUMA (Yohana 8:12-15 ; 9:1-12)

KUBONA CANKE GUHUMA (Yohana 8:12-15 ; 9:1-12)

Series: Yohana (John)
Ref: John 8:12–15; 9:1–12

KUBONA CANKE GUHUMA.

Yohana 8:12-15 ; 9:1-12

Ijambo ngenderwako : « Niwabona umuntu avuga ko azi ubwenge (abona) Umenye ko igipfu copfanirwa ikizigizigi kuruta uwo. » Imigani 26:12

I. Intangamarara

Mw’isi umuntu umwe arafatwa n’indwara y’ubuhunyi mu minota mirongo ibiri. Bamwe barabuvukana ku bandi biterwa n’indwara zitandukanye : Diyabeti, umutima… canke imyotsi y’ibikoho vy’intambara. Ubumuga bw’umubiri burababaza cane. Ariko hari ubundi buhumyi bwo mu buryo bwa Mpwemu bukomeye gusumba ubu bw’umubiri.

II. Umuco no kubona.

Yoh.8 :12 « Yesu yongera kubabwira ati jewe ndi umuco w’isi, uwunkurikira ntaho azogendera mu mwijima. » Aha Umwami Yesu yariko yerekena ko ariwe ashobora gukuraho umwijima. Si umwijima w’ikirere ariko ni uwo mu mitima y’abantu b’isi. Aha umwe wese yokwibaza ko yoba ahagaze mu muco w’Imana.

Yohan.9 : 1. « Ariko arahita, abona umuntu yavutse ari umpumyi. » uyu yari yavukanye inrwara yo kutabona ikintu na Kimwe co mw’isi.

Birashoboka ko umuntu avuka akanura mu buryo bw’umubiri ariko Imana ikabona ko ari impumyi. Nico kimwe n’uko umuntu yovuka atabona m’uburyo bw’umubiri, ariko Imana ikabona ko akanura. Ikinezereza Imana ni uku kubona ko mu Mpwemu. Kuko bene uyo, azoba amahoro y’abagororotsi mw’ijuru.

Nico gituma Yesu yishuye intumwa ziwe ko atawakoze icaha kugira uyu muntu avuke ari impumyi. Hari abatoteza abantu babemeza ko ukurwara kwabo canke amageragezwa barimwo yatewe n’uko bakoze ivyaha. Iyo biba uko, nta numwe yoba atarwaye ingwara zikomeye kuko nta mugororotsi ari mw’isi.

« Erega n’abera bayo ntaho ibizigira, mbere n’ijuru na ryo ntiritunganye mu nyoga zayo ; nkanswe umuntu agayitse agotomera ibigabitanyo nk’amazi ». Yobu 15 :15-15. Mw’isi nta mugororotsi uretse ubuntu bwa Yesu Kristo.

III. Kubera iki indwara k’umuntu

Imana ntiyaremye ingwara canke urupfu.

Umugambi w’Imana mu kurema umuntu kwari ukugira azohore ayihimbaza nk’uko ibindi biremwa vyo mw’ijuru bibkora. Efes. 1 :11-12 « Twashiriweho…kuzoba abo guhesha icubahiro ubwiza bwayo, twebwe abizigiye Kristo kera. » icaha kimaze kugera mw’isi, ingwara zaciye zitangura k’umuntu, amavuriro, urupfu, imanza zo kugandara no kuganduka.

Yesu yarerekanye ko ukurwara biva ku mpamvu nyishi.

1. Ingwara zirashobora gufata umuntu ku ntumbero yo guha Imana icubahiro mu gihe asengewe agakira.

2. Ingwara zirashobora kuza kugira zigishe kandi zikosore umuntu. Icumba co mu bitaro ni nk’ishure y’umunyeshure. Umwigisha ni Yesu. Igihe cose umuntu akitswe n’amagara, aba abona ko ashobora no gupfa, aha rero arashobora kwiga akamenya ko iyi si atari aho azohora bigatuma aca bugufu akubaha Imana.

Igihe umuntu ababajwe n’indwara akwiye kwihangana kuko ziriho ngo zishitse isezerano ryo gupfa k’umuntu. Bibabaje mu gihe abenshi bakunda guta agakiza mu misi ya nyuma yo kubaho. Ubu buba ari ubuhumyi bubabaje.

IV. Uwavutse ari impumyi

Uyu muntu yavutse ari impumyi, Yesu amukijije Abafarisayo baramwanka bamwirukana mw’isinagogi. Ntaco vyamugize kuvyo kwizera Kristo. Zaburi 27:10 « N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera. » yahisemwo kuba mu muco mugihe Abafarisayo bahisemwo kwibera mu mwijima ibihe vyabo.

V. Gushira mu ngiro.

Ubuzima bw’umuntu bwuzuye ibibazo vyo m’uburyo bwinshi. Umwijima arivyo vyaha n’ivyago nivyo vyuzuye isi. (Ingwara, ubukene, uburozi, ubusambanyi, urwanko, kwambara ubusa n’ibindi) Yesu Kristo yaje mw’isi kugira yatse umuco kuri uwo wese avyipfuza. Biroroshe kwibwira ko ubona, ariko hahiriwe uwomva afise inyota yo kubona akarondera umuco ariwe Yesu.

Ibihe vyo kwakirwa n’umuco birashitse, ni ahawe kwumva wopfukama ugasenga. Imana ikakumurikira.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.