Language

Select Wisdom Brand
 

ARONI N’ABANA BIWE BAROBANURIRWA UBUHEREZI

Ref: Leviticus 8:1–9, 30–36

ARONI N’ABANA BIWE BAROBANURIRWA UBUHEREZI

Abalewi 8 :1-9, 30-36

Ijambo ngenderwako : « Dufise umuherezi mukuru ameze atryo, avyagiye iburyo bw’intebe y’iyihambaye cane yo mw’ijuru. Akorera ahera no mw’iheme nyakuru, ryanshinzwe n’Uhoraho atari abantu » Abaheb. 8:1-2

I. Intangamarara.

Igitabo c’abalewi canditswe na Mose ; yagihaye iri zina ry’abana bo mu muryango wiwe bamutse kuri Lewi umwe mu bahungu ba Yakobo. Iki gihe bari bahejeje kubaka rya heme ry’ibonaniro, bamaze no gukora wa mwambaro w’abaherezi. Imana ica isaba Mose guhezagira Aroni mukuruwe n’abana biwe ngo babe abaherezi mw’ihema ryayo. Vyategerezwa kubera mu gikorane c’ishengero kuva mu mu twenzi Mose agatanga ibimazi.

Abahezagirwa nabo barambika ibiganza vyabo mu ruhanga rw’impfizi y’intama. Soma 8:18-19. Ibi vyerekana ko ivyaha vy’abantu n’imitwaro yabo vyategerezwa kuzokwikorerwa n’umwagazi w’intama yariko araza ariwe Yesu Kristo. Aroni n’abana biwe basabwe kumara imisi indwi kw’ihema badatashe imbere yuko batangura igikorwa nyezina. Ku musi w’umunani Abona gutangura igikorwa : soma 9:1 na 7. Naho yari yarejejwe yategerezwa kwitangira ikimazi c’ivyaha kuko umuntu ahorana kamere y’icaha. Kristo niwe muherezi mukuru atagira icaha.

Iki gikorwa cashingiwe intahe n’Uhoraho kuko umuriro waramanutse uvuye mw’ijuru uragitongora abantu baranezererwa bavuza impundu. Soma 9:22-24. Ni vyiza ko umuntu arindira igihe ciwe Imana yateguye kuzomushira mu mabanga kanaka y’ishengero canke igihe ciwe co guhezagirwa. Iyo agerageje kuvyiha hataragera, bimuviramwo ivyago nka Abusalomu umuhungu wa Dawidi. Ariko mugihe ahawe amabanga Imana imushigikiye, bimugendera neza niyo ahuye n’ikibazo Imana imucira inzira. Igihe umuntu afise ishaka ryo

gutera intambwe mu gikorwa c’Imana ; ni vyiza. Ariko asabwa gusenga akarindira igihe c’Imana.

II. Imyiteguro y’abaherezi.

Intambuko z’urutonde rw’urubanza, zirekana igikorwa gihambaye Aroni n’abana biwe bari bagiye gukora. Umuherezi niwe azohora ahagarara imbere y’Imana atangira ibimazi abantu. Nibo baterura imibehe irimwo amaraso amijagirwa ku bicaniro hamwe n’imibavu imota neza ishikirizwa Imana. Imyambaro y’umuherezi yerekana ukwera yategerezwa kugumana igihe cose k’umubiri no k’umutima. Nico gituma bategerezwa kuba abagororotsi ubuzima bwabo bwose. Nkuko umurongo wa gatandatu werekana ko Mose yabahezagiye ahejeje kuboza ; niko atawukwiye guhabwa igikorwa co mw’ishengero, agikora ivyaha ngo abe yarogejwe n’amaraso ya Yesu Kristo.

III. Aroni yimikwa nk’umuherezi mukuru.

Aroni yarobanuriwe kuba umuherezi mukuru. Niwe yemerewa kwambara kagafuko ko mugikiriza karimwo Urimu na Tumimu (Ukuri) ; akambara n’amazina y’abana ba Isilayeri bose kubitugu. Umurongozi w’igikorwa c’Imana ategerezwa kuba umuntu atakivuga ikinyoma mu kanwa kiwe. Amazina y’abo ayoboye bategerezwa kuba ku bitugu no k’umutima wiwe. Arabasengera, akabagendera, akabitaho ataravye inyugu z’umubiri abikuramwo. Bitabaye uko, uwo, akwiye gusengerwa no guhanurwa.

Hari uburorero bwinshi bwabarongozi bagiye bakoza isoni igikorwa c’Imana. Abenshi biheye amazina yaba rurangiranwa, ntibemera kwitwa abigishwa ba Kristo. Abo baramaze guhabwa impembo zabo. Abenshi babaye intandaro yo kwononekara kw’igikorwa c’Imana. Ubupfu nk’ubu hari n’abagabo canke abagore babukora mu ngo zabo. Urugo rugatukwa kubera ubuhemu n’ububegito bw’umwe muri aba. Ibi biragira ingaruka mbi no kubo bavyaye. Umugabo wese ni umuherezi mukuru mu rugo rwiwe. Akwiye kwakira amabanga ya Aroni.

IV. Gushira mu ngiro.

Ihema ry’ibonaniro, ibiririmwo, ugutanga ibimazi, umwambaro w’abaherezi,… vyose vyarekeza ukuza kwa Yesu kristo nk’umuherezi mukuru. Mose n’abavugishwa n’Imana benshi barabivugishijwe. Ubuherezi bwa Aroni bwubahiriza amategeko mu buryo bubonwa n’abantu haraho bamwe imitima yaba iri mu vyaha nkuko Imana yabise ihanga ritagonda izosi.

Yesu we yashimye kwitanga nk’ikimazi c’ukuri amenye amaraso yiwe. Abahebur. 9:12 « Kandi amaraso y’impene canke ayo amashuri siyo yamushikanye ahera cane, ariko yahashikanywe n’amaraso yiwe rimwe

gusa,.. » Uyu yicaye ahera cane yambaye imyambaro y’ubuherezi bw’ukuri ngo adusabire twebwe abigishwa biwe. Muvyo akora, ariteguye kuzohaguruka akaza vuba gutora umugeni yakoye, yambaye neza imyambaro y’ubugororotsi amujane mu kibanza ciza. Aroni yashingiwe intahe n’Imana mu gikorwa ahawe, nawe urasabwa gusenga kugira uyu musi Imana ishingire intahe agakiza n’ibikorwa vyawe. Mwikoreze imitwaro yawe yose kuko niwe akubabaye

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.