Language

Select Wisdom Brand
 

UMWAKA WA YUBIRE

Ref: Leviticus 18–22; 25:1–11

UMWAKA WA YUBIRE

Abalewi 25:1-11 ; 18-22

Ijambo genderwako :"Kandi nzogendana umwidegemvyo, kuko nama ndondera amateka washinze." Zaburi 119:45

I. Intangamarara.

Imana yongera kubwira Mose ari ku musozi Sinayi ko azoharura imisi mikuru akoresheje amasabato. Imyaka itandatu baremererwa kurima no kwimbura ; umwaka w’indwi ukaba umwaka w’isabato (kuruhuka). Bamererwa kurya ivyo baba barimbuye mu mwaka uheze.

Iramubwira ko bazoharura amasabato indwi incuro indwi, bazosanga ari imyaka mirongo ine n’icenda. Ku mwaka ugira mirongo itanu azoba ari uwa Yubile canke w’umwidegemvyo. Abagurishije amatongo barashobora kumvikana bakayasubirana ; abagererwa bakegukira amatongo ya ba shebuja, abaja bakagirwa abindegemvya, uwufise ideni uwundi yaca arimuhebera. Ntawafata nabi uwundi, ahubwo basabwa kuba mu mahoro n’umwumvikano, bashishikara guhimbaza Imana Yehova.

Umwaka wahera atawurimye canke ngo yimburire mu bigega. Ivyimejeje mu murima warashobora kubitoragura. Barashobora kwibaza ico bazorya mu gihe batarimye. Imana ibwira Mose ko niyo bubahiriza amabwirizwa yayo ; izohezagira umwaka w’imbere ya Yubile kuburyo ibizokwimburwa bazobirya imyaka ibiri ikirukira Yubile atawugize inzara mu rugo.

II. Umwaka wa Yubile

Umwaka wa yubile warangwa cane n’ibikorwa vyo : kwidegemvya kw’ impahazwa, akaruhuko k’umwaka wose mu ngo zose, umugisha w’umwimbu mu burimyi n’ubworozi, umunezero mu gihugu cose. Abakene n’abanyamahanga baraja guhumba mu mirima y’abatunzi kugera aho ivyo baronse babirya mu mwaka wose.

Imana yatanga ivy’imburwa vyinshi buri myaka itandatu kuko umwaka w’indwi wari isabato y’Imana. Yubile yari ikiruhuko gikomeye mu Bisilayeri.

Mugihe co k’uburongozi bwa Yesu Kristo, igihe nk’iki co kubohoka no kumva amahoro kiboneka igihe umuntu yakiriye agakiza. Aho yumva abohotse ku vyaha kandi yidegemvya. Umunezero wo kwakira Yesu mu mutima ugakurikira.

III. Itegeko ryo kungana.

Naho bose batanganya ubutunzi, uwo mwaka bose bumva bangana ; ari nk’abavukana koko. Abatunzi barategura ibirori birimwo imfungurwa nziza, bagatumira abakene, bakabagabira ibintu vyinsi bakanezerwa. Kumusi w’impongano ; baribukanya iyo bavuye n’amagorwa yaho n’ingene bashitse i Kanani igihugu Imana yasezeraniye Aburahamu bavuye muri Egiputa. Ibi vyatuma bakomeza umubano mwiza n’Uhoraho nabo bakarusha kumva ko ari abavukanyi.

Akenshi iyo abantu bibagiye iyo bavuye n’amagorwa yaho, ntibabura kuryarukana. Abandi baribagira ivyiza Imana yabakoreye, bakayihemba kuyihemukira no kuyitetereza mu bisagara vy’abanyamahanga. Ni vyiza ko uhora witorera umwanya ukiyumvira kuri kahise, bizogufasha kubaka kazoza kawe neza, bitume ufata abo mubana canke murikumwe nka beneso.

IV. Ugucungura kwa Yesu Kristo.

Kera nta bantu twarimwo. Twari imbohe z’umunyakibi Satani. Yadutwara atwicayeko kuko atagira urukundo. Yari yaduhumye amaso ngo ntitubone umuco n’amahoro biri muri Yesu Kristo. Ntankomezi twari dufise ubwacu ngo twibohore muri iyo minyororo.

Umwanditsi Luka yanditse ngo : Yesu azinguruye igitabo abona ahanditse ngo : « Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, nico catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza. Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’impumyi ko zihumuka, no kurekura abahahazwa ngo bidegemvye. » Luka 4:18. Uyu Mwami Yesu niwe yatubohoye imigozi Yose biciye mu mubabaro wo kubambwa ku musalaba. Birababaje kuba hari abakibohewe amabako mu mugongo kandi Umwami Yesu yaraje ngo akize abamwizeye bose.

V. Gushira mu ngiro

Nkuko inzamba arizo zamenyesha umwaka w’umwidegemvyo, abantu bakabona kwinjira mu biruhuko vy’amasabato ; niko no mugihe Yesu azoba aje gucura abamukoreye ngo abinjize mu biruhuko vy’isabato ya mw’ijuru ;

hazokumvikana inzaba y’Imana mw’ijuru. Ico gihe kizokurikirwa n’ibihe vy’umunezero. Ni wewe wokwibaza ko uzoyumva.

Dawidi yavuze ngo nzogendana umwidegemvyo, kuko nama ndondera amateka washinze. Nawe ntakindi Imana iriko iragusaba atari kwama urondera amateka yayo. Ni wibuke aho yagukuye uyishime. Niba wumva wipfuza umwidegemvyo utangwa n’Imana ; wohaguruka ugasenga ubu nyene

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.