Language

Select Wisdom Brand
 

UMUSI MUKURU W’IMPONGANO

Ref: Leviticus 16:1–10; 20–26

UMUSI MUKURU W’IMPONGANO.

Abalewi 16:1-10; 20-26

Ijambo ngenerwako : Na Kristo ni uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishireko ivyaha vya benshi, azoboneka ubwa kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere abamwiteze ngo abakize." Abaheburayo 9:28

I. Intangamarara.

Uhoraho ashinga imisi mikuru kandi asaba Mose ko bazohora bayubahiriza umwe wose mu gihe cawo. Hari imisi mikuru y’impongano, uwa pasika, uwa Pentekoti, uw’amahema n’umusi mukuru w’inzamba. Ico gihe bategerezwa guhagarika ibikorwa vyose, bakaja kw’iheme ry’ibonaniro. Intumbero kwari ugukomeza umubano n’ubucut i vyiza i hagati y’Imana Uhoraho n’abana ba Isilayeri.

Impongano ni igikorwa umuntu yategerezwa gukora kugira ivyaha yakoze biharirwe. Niho Umuherezi mukuru yashobora kwinjira ahera cane. Ryari rimwe mu mwaka. Yahinjira yabanje kwoga akambara wa mwambaro wejejwe ; akinjirana amaraso yo gusaba ikigongwe c’ivyaha hamwe n’imibavu imota neza. Kuri uwo musi, ntawundi yari yemerewe kwinjira mw’ihema uretse umuherezi mukuru yashitse ahera cane.

Barazana isuguru zibiri z’impene. Muri zo, bagafindira iy’Uhoraho n’iy’ivyaha vy’abantu. Iy’Uhoraho yarabarwa igatangwa kw’ikimazi. Iyindi, Aroni yayirambika ibiganza mu gahanga akayaturirwako ivyaha, ikajanwa gutabwa m’ubugararwa ikayerererayo. Uwagiye kuyita yabanza kwiyuhagira akabona kugaruka mu mahema. Aroni avuye ahera cane yambura wa mwambaro, akiyuhagira, akabona kuja kuvugana n’ishengero. Iyi yari insiguro y’ukwezwa ; arivyo bishoboka mu maraso ya Yesu ku bizeye b’uyu musi. Uyu musi mukuru wategerezwa kuzohora ukurikizwa uko urunganwe ruzogenda rukurikirana.

II. Ubukuru bw’umusi w’impongano.

Ku musi ugira cumi w’ukwezi kw’indwi buri mwaka, niho haba uyu musi mukuru. Kuri uyu musi, kari akaryo keza kw’ishengero ryose ko gusenga no kwinginga. Nico gihe baterura igitabo c’ivyo Imana yababwiye bakagisomera abantu bose. Umwe wese akicuza ku vyaha yakoze umwaka wose, agafata ingingo mu mutima yo kugendana n’Imana.

Imana yaribonekeza mw’ihema ry’ibonaniro, ikavugana n’umuherezi mukuru ; nawe agasoka akabwira abantu ico Imana ibagombako n’amasezerano ibahaye. Iki gihe nico abantu bashobora kuzura n’Imana. Muri iki gihe ca Yesu Kristo ; bisaba uwariwe wese kwama ari muri uyu musi mukuru. : Ukwitanga nk’ikimazi mu bikorwa no mu kugororoka, ukwicuza ku vyaha, ugusenga no kwinginga, kurondera kumva ijwi ry’Imana ; uguhorana amasezerano n’amahoro mu mutima.

III. Impongano Yesu yatanze.

Kugira ayo mahoro aboneke mu bantu, hategerezwa kuboneka isuguru z’impene zitagira agasembwa (Icaha). Ya suguru yaturiweko ivyaha, ikajanwa gutabwa mu bugararwa yarashobora kuribwa n’igikoko icarica cose. Vyumvikana ko vyari ikigereranyo ca Yesu Kristo yariko arategurwa kuzoza akikorezwa ivyaha vy’abantu, akabambirwa mu gahinga, akavira amaraso abari mw’isi bose. Abakene n’abatuzi, abakomeye n’abagendana ubumuga, abato n’abakuru.

Gushikira ayo mahoro, vyasaba kuba wibereye muri uwo musi mukuru. Ntawatuma. Ntawarungikana ikimazi c’imbabazi. Ni naco kitwereka ko ata muntu ashobora kwaturira uwundi icaha yakoze ngo vyemerwe n’Imana. Umwe wese arishikira kuri Yesu Kristo akamwisabira ikigongwe. Igikorwa c’abarongozi ni kumwerekera, bakamuha impanuro, bakamusengera gusa.

IV.Gushira mu ngiro.

Nkuko umusi mukuru w’impongano wakomeza abisilayeri; niko n’igikorwa Yesu Kristo yakoreye ku musaraba gisubiza inkomezi abamwizeye, abarwaye bagakira, abarushe bakaruhuka, ivyizigiro vyo kuzobona ijuru bikagumaho. Ibi vyashobotse kubwa Yesu Kristo yemeye kwiremeka ivyaha vy’anatu.

Ico kumenya ni uko azoboneka ubwa kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere abamwiteze ngo abakize. Azoba ari amahirwe ku bamwakiriye ; bibe amagorwa kubamwihakanye.

Birashoboka ko hari imitwaro ucikoreye ubwawe, kandi ikuruhije. Ni aka kanya woyizana mu gusenga ukayishikiriza Yesu umucunguzi wawe, arakuruhura kandi aguhe amahoro n’ingabire y’agakiza

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.