Language

Select Wisdom Brand
 
ICEMEZO KIBONEKA (Yohana 11:1-6 ; 14-26 ; 39-44)

ICEMEZO KIBONEKA (Yohana 11:1-6 ; 14-26 ; 39-44)

Series: Yohana (John)
Ref: John 11:1–6, 14–26, 39–44

ICEMEZO KIBONEKA

Yohana 11:1-6 ; 14-26 ; 39-44

Ijambo ngenderwako:«Yari umunyamibabaro, yari azi intimba ico arico, yakengerwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo » Yesaya 53:3b

I. Intangamarara

Mu buzima bw’abantu harabamwo guhura n’ibibazo bitandukanye. Ariko ikibazo co gupfisha umwe mu muryango canke mw’ishengero kirababaza cane. Abantu barababara, abandi bakarira na cane cane igihe baba bibuka ibiyago canke ibikorwa bakorana na nyakwigendera. Aha ni hamwe Dawidi yita mu mwonga w’urupfu. Naho biteye agahinda gutryo ; nukumenya ko ata rindi herezo ry’umubiri w’umuntu atari gupfa.

Iki gihe kibi carabaye k’umusore yitwa Lazaro mushiki wa Mariya na Marita baba i Bethaniya.

Yesu yarasanzwe akunda uyu muryango wabo. « Mwami wawundi ukunda ararwaye » ati : « Iyi ndwara si iyo kumwica, ariko ni iyo gushimagiza Imana ; kugira ngo n’Umwana w’Imana itume ashimagizwa. » urukundo rw’Imana ntirugira ico rufatirako. Naho yoba umunyavyaha iramukunda kuko yitwa RUKUNDO

II. Inyigisho ya Yesu kubw’ingwara ya Lazaro. Muri iki gice, Yesu yarigishije ukuri kuri abo bose bakurondera.

1. Ubwambere ni uko indwara ishobora kuba uruganda aho umuntu ashobora kumenyera vyinshi bijanye n’uko Imana imeze. Mu bitaro harigisha uwiyita uwuhambaye agaca bugufi akubaha Imana. Ijambo riboneka ku murongo wa kane ni « Gushimagiza no gushimagizwa » iyi ni imwe muri kamere y’Imana.

Aha Yesu asa nuwavuze ati : « Ngira nkore ikintu gitume mutangara, bibatere kunshimagiza no gushimagiza Imana. »

Nico catumye arindira Lazaro arapfa, mbere baramuhamba hahera imisi ine abona gushikayo. Ntiyafatiriwe n’ibindi bikorwa. Oya kuko yarabakunda cane. 2. Ukundi kuri tubona hano ni uko Imana itihutagizwa. Umuntu muri kamere yiwe yama yipfuza ko ivyo asavye vyama bishika ubwo nyene. Uko siko Imana Ikora. Umurongo w’i 7 Yesu abonye hageze abwira abigishwa biwe ati : « Dusubire i Yudaya » ; 11« Lazaro umukunzi wacu arasinziriye, nanje ngiye kumukangura. Iki ni icerekana ko Yesu yari azi neza ivyabaye kandi azi ingene azobitunganya mu gihe gikwiye.

Yavuze ko asinziriye. Ijambo “cemetery” “ imva ” mu kigiriki risobanura “sleeping place”. Ikibanza co gusinziriramwo. Igihe biboneka umuntu apfuye, aba asinziriye. Nico gituma Pawulo yandikiye abi Tesalonike ko abapfiriye mu Mwami bazozuka bakamusanganira. Impwemu y’umuntu ntipfa. Irasinzira. Umur wa 25na 26 : Yesu abwira Mariya ati : « Ni jewe kuzuka n’ubugingo, uwunyizera niyo yoba yarapfuye azobaho.kandi uwuriho wese anyizera ntaho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira » Ntaho ijuru ryigera ribona uwakijijwe nk’uwupfuye ; ribibona nko guhindurirwa ibibanza vyo kubamwo. Hapfa umubiri ariko impwemu ntiyigera ipfa. Mwibuke inkuru y’umutunzi n’umworo.

Ku bakijijwe hariho ubundi buzima bwiza inyuma y’urupfu ariko kubanyavyaha hari urundi rupfu rwa kabiri. Isi ni ikibanza gifasha umuntu gutegura ubwoko bw’ubuzima azobamwo nyuma y’urupfu. Bivana n’ingingo yifatiye akiriho.

Niba waravutse ubwakabiri (Mu mubiri no mu Mpwemu) uzopfa rimwe (Mu mubiri) Niba wavutse rimwe (Mu mubiri) Uzopfa kabiri (Mu mubiri na nyuma y’urupfu) uru rupfu rwa kabiri ni umubabaro wo kuba mu muriro igihe cose.

Kuvuka rimwe ugapfa kabiri canke kuvaka kabiri ugapfa rimwe. Hitamwo.

3. Ukundi kuri twiga ni uko ibibazo bishobora gutuma umuntu yongereza ukwizera. Yaba intumwa, bashiki ba Lazaro n’ababanyi ntibari bwabone umuntu azura uwapfuye. Ibi vyatume bizera ubushobozi bw’Isumbavyose bizera na Yesu kariwe Mesiya.

III. Gushira mu ngiro

Yoh 11:35 « Yesu ararira » nivyo Yesu yari Imana 100%, ariko kandi ijambo ryatubwiye ngo yari umunyamibabara, yari azi intimba icarico. Iki nico catumye yemera kuza kwitanga ku musalaba kugira abamwizeye abahe ubugingo budashira, ntibazobone rwa rupfu rwa kabiri. Yarabwiye Marita ati : « Ni jewe

kuzuka n’ubugingo, uwunyizera niyo yoba yarapfuye azobaho.kandi uwuriho wese anyizera ntaho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira » aca aramubaza ngo : « Urizeye ivyo ?» iki nico kibazo nawe ubajijwe ubu nyene. Icemezo kiboneka ni Lazaro.

Na n’ubu aracaririra ubugingo bw’abagaya amajambo yiwe, ariko igihe co kugaruka, azoza afise intahe mu maboko ngo acire imanza umuntu wese bivanye n’ivyo yakoze akiri mw’isi, ari vyiza, ari bibi.

Urashobora guhaguruka ugasenga kugira wongerezwe ukwizera no gushikama mu Mwami Yesu we kuzuka n’ubugingo.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.