Language

Select Wisdom Brand
 
ABANA B’UMWIJIMA (Yohana 12:34-50)

ABANA B’UMWIJIMA (Yohana 12:34-50)

Series: Yohana (John)
Ref: John 12:34–50

ABANA B’UMWIJIMA

Yohana 12:34-50

Ijambo ngenerwako : « Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebwe ; ni mugende mugifise umuco, umumuzimagiza ntubiriranireko. Uwugendera mu mwijima ntamenya iyo aja » Yohana 12 :35

I. Intangamarara.

Imana imaze kurema umuntu yamushiriyeho ibihe bitandukanye. Aravuka, akaba umuyabaga, akaba umugore canke umugabo, agasaza, agapfa. Muri uru rugendo rw’umuntu agenda ahura n’ibintu bidasa. Umuntu yama ariko arwana n’inguvu zibiri. Gukora iciza no gukora ibibi arivyo ibihe vy’umuco n’ibihe vy’umwijima. Ntawubura uruhande ahengamiyemwo.

Umuco (Ukuri) ushaka kuganza, umwijima (Ikinyoma) nawo uhora ushaka kuzimya umuco. Abaroma bakoze uko bari bashoboye ngo bice abantu bose bavuga Yesu Kristo, kugira isi yose igume isenga ibigirwamana ariko ntibabishoboye. Hari ubwoko butatu bw’abana b’umwijima :

1.Abantu batemera Yesu n’Umwana w’Imana bakamufata nk’intumwa ;

2. Amadini yahisemwo amazina meza yerekeza kuri Kristo, ariko bakagumana ingeso za gipagani : kunywa ibiboreza, gufukamira ibigirwamana, gukoresha amazina y’abantu mu kwemera, gusenga abapfuye n’ibindi.

3. Abantu binjirira mu mashengero y’ukuri, ariko ntibahebe ingeso za kera. Aba nibo Yesu yita abana b’umwijima.

II. Ubwenge bw’umwijima.

1. Yohana yigishije ko Yesu yaje mw’isi ari umuco, ariko ab’isi ntibamwakiye, bakunze umwijima.

Umwansi kugira yuzuze umwijima mw’isi, yakoresheje abitwa abanyabwenge. Aba yabahaye icubahiro, ivyo bavuze bakavyigisha mu mashure ya kaminuza.

Mu gihe abantu baba babaherejeko imitima, baca babereka ko Imana itabaho canke bakabereka inzira zinyuranye n’ukuri kw’Imana, abo nabo bakizera ivyo.

Babikorana ubwenge n’ubwitonzi kugira ntibahinyurwe.

Basigurira abantu ko ivyo bavuga babizi neza kuko bafise dipolome zemewe. Umwanditsi yavuze ngo : « Uwihuma amaso ngo ntabone ukuri, azisanga bukebuke yarabaye impumyi » bizeza abantu ijuru, ariko bahonyaze ukuri kw’Imana Yehova.

2. Umwijima urakoresha ubundi bwenge mu kwereka abantu ko bikenewe kwiryohera no gukunda ivy’isi utarapfa.

Ntibibujijwe kunywa ibiboreza, amazu ya bamalaya aremerwa bakayasaba gutanga amakori ya Leta, ishirahamwe y’abagenda gusa ryitwa aba Naturalistes ryaremewe kandi rirakunzwe cane, abatwarana bahuje ibitsina bavyita uburenganzira bwa muntu, kuma Television bashiraho isheni y’abahuza ibitsina amasa 24h/24.

Ibi vyose ntakindi bishikako atari kweza icaha, gutandukana kw’abubakanye, agahinda, kwiyahura. Aho, umurwanizi akaba abafashe.

Yohana 3:19 « Uku niko gutsindwa, kuko umuco waje mw’isi, ariko abantu bagakunda umuzimagiza kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi »

III. Inyishu ni iyahe ?

Umuro wa 36 « Mugifise umuco, mwizere umuco ngo mube abana b’umuco » Vyumvikana ko yababwiye ngo ni mushire ukwizera ku Mwami w’agakiza wenyene. Uku kwizera yababwiye si kumwe ko mu mutwe. Oya. Uko mu mutwe ko n’abadayimoni baragufise. Yakob 2:19 « Wemera ko Imana ari imwe. Abadayimoni nabo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi. »

Mbega abadayimoni bazoja mw’ijuru ko bavyizera ? Oya.

Kwizera Yesu birengeye kwemera ko ari Umwana w’Imana. Ahubwo ni aho uba wumva ko Yesu ariwe Mana mu buzima bwawe, ukumva ko yagucunguye, Ukaba mu buzima bwanesheje icaha. Uku ni ukwizera ko mu mutima.

IV. Bizogenda gute muri kazoza ?

Kazoza ni igihe utarashikamwo, iyo uhageze, hahinduka k’ubu kuri wewe. Ikibazo. Hazoba hakumereye gute ? Inyishu y’iki kibazo, umwe wese arayizi

Umusiguzi 11:3b «Kandi igiti iyo gihenuka cerekeye i bumanuko, canke cerekeye i buraruko, aho hantu igiti cahenukiye ni ho kiguma. » Ikindi ni uko

igiti gihenuka cerekeye iyo gihengamiye. Abana b’umuco barumva ko bazotera baja aho Data yabateguriye amazu meza, yubakishijwe amabuye y’agaciro.

Abana b’umwijima nabo bazotera baja ku Mwami w’umwijima ariwe Satani aho hazoba ari amarira no kuryana inswa z’amenyo. Naho Yesu yavuze ngo : « Ariko uwungaya ntiyemere amajambo yanje ari n’ikizomutsinda, ijambo navuze niryo rizomutsindisha ku musi w’Umuhero » 12:48 Umwe wese azoguma aho yahitiye.

V. Gushira mu ngiro.

Yesu yahanuye ngo ni mugendere mu muco umuzimagiza ntubiriranireko. Uwugendera mu mwijima ntabona iyo aja. Urashobora kuba hari ibikorwa vy’umwijima wari ukigenderamwo, kandi nawe ukavyita ibisanzwe. Ni ubu nyene woshirako ugasenga Umwami Yesu akaguhindura Umwana w’Umuco.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.