Language

Select Wisdom Brand
 
YESU NIWE ATANGA UBUGINGO BUDASHIRA (Yohana 5:1-18)

YESU NIWE ATANGA UBUGINGO BUDASHIRA (Yohana 5:1-18)

Series: Yohana (John)
Ref: John 5:1–18

YESU NIWE ATANGA UBUGINGO BUDASHIRA

Yoh. 5:1-18

Ijambo ngenderwako. « Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo ; kuko ata rindi zina musi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo. Ivyak.4 :12

I. Intangamarara.

Uyu muntu yararwariye kuri iki kidengeri, ntihabonetse n’umwe yomutabara. Yesu yamusavye kumvira iki kimwe gusa. « Kwikorera ikirago ciwe akigira » ugukira gucakuboneka ubwo nyene. Aramubwira ati urakize ariko ntube ugisubira gukora icaha.

II. Yesu umwana w’Imana

Yesu yari umwana w’Imana koko. Ubwa mbere bibonekera mu kugene yarangura ibikorwa vya se n’ishaka ryinshi. Dusomye kuva k’umur wa 17-21 aravuga ati : « Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora. » Ibi, vyatumye n’abayuda bamurwanya ngo yise Imana se. Iyo umuntu yiyizi agatahura n’igikorwa ajejwe koko, akemanga amageragezwa ntaneshwe, ntakibuza ko ashirwa hejuru. Yoh. 9:4. « Twebwe dukwiye gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona ; buhava bwira ata wugishobora gukora. » birakwiye ko umuntu akora ico cose ashoboye mu gihe amagara akimukundiye kuko haraho agera akipfuza n’uwomuha akaryo gato cane ngo akore igikorwa c’Imana bikamwankira.

Ubwa kabiri, Yesu niwe atanga ubugingo. Yoh. 5:24. Uwufise ubugingo budashira ni uwumva ijambo ry’umwami Yesu. Uwo, ntazoshirwa m’urubanza kandi aba avuye m’urupfu agashirwa mu bugingo.

III. Intumbero y’urugendo rwa Yesu i Yerusalemu.

Biraboneka ko Yesu yafashe uru rugendo afise intumbero zibiri.

1.Yashaka gushitsa ivyagezwe. Kwitabira iri koraniro vyari vya ngombwa nk’umurongozi mwiza.

2.Yashaka kuvuga ubutumwa bwiza. Urugendo rwose yakora yaba ashaka ko ruza kumufasha mu gushitsa ico Data yari yaramutumye. Mumisi mikuru bene iyi, abantu bavuye mu mihingo myinshi, barakoranira i Yerusalemu bazanywe no gusenga. Uyu musi waherukira iki gikorane c’imisi irindwi, Umwami Yesu yarabona ko basubiye inyuma uko baje. Inyota yabatumye kuza mu gikorane, bayisubiranye inyuma. Niho yaca ahaguruka agasemerera ati : « Namba hari uwufise inyota, naze kuri jewe, anywe. Uwunyizera ; inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe» Yoh. 7 :37-39. Kubamwakiriye, inyota y’ivy’isi irabaheramwo, bakama baharanira kuzokwibanira n’Umwami wabo. Bene abo, iyo bariko bakorera Imana babikorana umunezero w’igitanganza.

IV. Agakiza kabereye ku kidengeri.

Iki kidengeri (Piscine) cari mu majaruguru (Nort-Est) ya Yerusalemu, kandi cama ho ariko ugukira kwashoboka iyo umumarayika w’Imana yaba aje akazikurura ayandi mazi akayatera kunyiganyiga cane. Imana yakoresha ibiboneka kugira batahure igihe ca Kristo cariko kiraza.

Ku gitangaza cose, Imana Yama ifise umugambi wo gucungura umutima w’umuntu. Iki gihe, yavuze ijambo rimwe gusa, umurwayi aca arakira. Inzira z’Imana mu gushira mu ngira ikintu icarica cose, ntawoziserangura. Nico gituma yitwa IMANA. Abashoboye gupima aya mazi, kimwe namwe Namani yogamwo muri za laboratoire ; ntibashoboye kubonamwo umuti washobora gukiza inrwara zose nkizo abari ngaho bose bari barwaye. Ni Imana ubwayo yakiza.

V. Imana ikora ico ishatse mu gice ishakiye.

Hari umugani wakwiye isi yose uvuga ngo « Yaje gukiza abatokwikijije » kuri ico kidangeri hari abaharwariye benshi kandi inrwara zitari zimwe. Yesu abona uyo umwe ahamaze imyaka mirongo itatu n’umunani aba ariwe yegera abandi arabarengana. Aramubaza ati : « Wumva ugomba gukira ? » amajambo

yamwishuye, yerekana ko yaratanguye kuduza ukwizera muri we. Yesu aramubwira ati : « Va hasi, ikorere ikirago cawe, ugende. »

Abandi barashoboye kwibaza bati, Ibi bibaye ni ibiki ? arakize kandi ata mazi yazukurutse ? uyo mugabo ni nde ashoboye kumukiza ? ibibazo vyinshi. Ninde yosigura icatumye ariwe acagura gutabara ? Imana ikora ico ishatse k’umuntu ishatse, mu gihe ishakiye. Ingabire y’agakiza ni k’ubuntu. Iyo ufise ikibazo, senga wihanganye, ntucike intege, k’umusi wawe uzobona agusanga, agutabare.

VI. Abayuda bashaka kwica Yesu.

Abayuda babona ko bakwiye kwica Yesu, atari uko ahonyanze isabato gusa ; ahubwo ngo yiyise umwana w’Imana. Ibi yakoze ntivyari binyuranije n’ivyagezwe n’Imana ; ahubwo vyari binyuranije n’imigenzo yabo. Aha Yesu yari yiyizi ko ari Imana, nta kosa kuba yiyise umwana w’Imana

Agakiza karatandukanye n’imigenzo y’umuntu canke y’ishengero. Ntibitangaje ko abenshi bokwitondera imigenzo yabo canke idini ryabo ; ariko bataratsindanishirizwa ngo bezwe n’amaraso ya Yesu Kristo. Abo naho babonetse neza imbere y’abantu, nta ngabire y’ubugingo budashira bafise.

VII. Ubugingo budashira bubonerwa muri Yesu.

Uwari kuri iki kidengeri yakijijwe indwara yongere ahabwa ubugingo budashira. I Yoh.:5:12 « Uwufise Umwana wayo ni we afise ubwo bugingo ; uwudafise Umwana w’Imana ntafise ubwo bugingo. » turibuka ko yabwiye Marita ati : « Ni jewe kuzuka n’ubugingo ; uwunyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho » Yoh. 11:25. Kugira avyerekane ; yaciye azura Lazaro abaho nyuma y’imisi ine ari mu mva.

VIII. Gushira mu ngiro

Ubugingo budashira, butandukanye no kubaho ibihe bidashira. Umuntu wese yabaye kw’isi ; azobaho ibihe bidashira ariko si bose bazoronka ubugingo budashira. Igihe co kuza kwa Kristo, abantu bose bazozuka. Abakoreye Imana bace baja kubana na yo mw’ijuru ry’amahoro ibihe vyose. Ubu nibwo bugingo budshira kandi ababufise, babufise n’ubu bakiri aha mw’isi. Abakoze ibibi nabo bozoja kubana na Satani mu muriro utazima ibihe vyose. Ivyah. 14:11 . « Kandi umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, ntibaruhuka

k’umuirango no mw’ijor, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco. » Uru nirwo rupfu rwa kabiri.

Woba ufise ubugingo budashira ? ukaba wumva ugikekeranya, ico nico kikwemeza ko utabufise. Hamwe n’ivo ; ivyizigiro biracariho. Yesu arakurindiriye ubu nyene kuko ata wundi agakiza kabonerwamwo ; kandi nta rindi zina musi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo atari iryo rya Yesu. Niba uvyipfuza ; wohagoruka ubu nyene ugasenga aragutabara naho zoba inrwara arazigukiza.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.