Language

Select Wisdom Brand
 
YESU AHAZA ABANTU. AKARORERO MU BIKORWA. (Yohana 6:1-21)

YESU AHAZA ABANTU. AKARORERO MU BIKORWA. (Yohana 6:1-21)

Series: Yohana (John)
Ref: John 6:1–21

YESU AHAZA ABANTU. AKARORERO MU BIKORWA.

Yohana 6:1-21

Ijambo ngenderwako : « Bene data, munyigane mwitegereze abagenda batwigana, nk’uko mudufiseko icitegererezo. » Abo i Filipi 3:17

I. K’umusozi Igihe ciza kindi cari gishitse aho Yesu yagomba kuraba aho abigishwa biwe bageze mu kwizera kugira ahereho ababere akarorero mu bikorwa.

Umwanditsi Mariko nawe yaranditse iyi nkuru. Marko 6:31 «Arababwira ati : Ni muze mwebwe mwenyene ahiherereye mube murarahuka gatoya. » bari bakeneye akaruhuko k’umubiri. Ishengero rirabimenya ko ariho bari, baca babasangayo. Intumwa zashatse kubirukana kubera impamvu zibiri :

1. Iyumvire akaruhuko mwateguye, kavogerewe n’abantu 20.000 babasugereza impande zose.

2. Intumwa zari zibona ko bashobora kugiriranira ikibazo n’abatware mu gihe abantu batangurira kurwa hasi kubera inzara. Yesu we yamana umutima w’impuhwe kubo yakunze, ntaho arekera abiwe mu vyago. Mariko we 6:34 « Abona ishengero rinini rimutera akagongwe kuko bameze nk’intama zitagira umwungere. » bisigura ko : batagira abayobozi bazima, badafise Umucunguzi, biswe n’inzara, bari ku mpfiro… Yesu yari ahaserutse nk’Umwungere mwiza. Ntiyigeze ahusha akaryo ko gutabara, kubabarira…

Yesu yabereye akarorero intumwa ziwe ko kugirira impuwe uwubahungiyeko. Uyu mutima niwo ishengero n’abizera bakwiye kugirira uwo wese arihungiyeko (Abananijwe n’ivyaha, abashonje, ababuze ico bambara, ababuze uburaro… )

II. Akaryo keza ko kwimenyekanisha.

Abantu barashonje kandi baranyotewe, bakeneye kurya. Yesu abaza Filipo aho bogurira imitsima ngo babagaburire. Filipo yavuka muri iki gisagara, yobaye azi aho vyogurirwa. Aramwishura ngo naho hoba imitsima y’ideneriyo 200 ntiyobakwira. Izi deneriyo angana n’idollards rya amerka 7.600. Aka kari agafindo ngo arabe aho bageze mu kwizera. Uyu arananiwe kukibazo cabajijwe.

Andereya we yerekanye umuhungu afise udutsima dutanu twa sayiri n’udufi tubiri. Aca yivugira ngo : « Ariko tumaze iki ku bantu bari ngaho ? » Nawe nyene arananiwe agafindo katanzwe na Yesu.

III. Yesu, akarorero mu kwigisha akora.

Umwami Yesu yumvise inyishu zitanzwe n’abishwa biwe, Arababwira ati ni mwicarike abantu. Yakira ya mitsima n’ifi arabihezagira bica biragwira babigaburira abantu. Iki gikorwa yesu yakoze catumye ishengero riduza ukwizera. Umurongo wa 14 : Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga bati : « Ni ukuri uwu ni wa muntu avugishwa n’Imana yari akwiye kuza mw’isi. » baca bashaka kumwimika nk’umwami wabo.

Guhidura abantu kuba abigishwa ba Kristo si amajambo y’ubwenge canke ubweranda gusa, birasaba kwerekanira urukundo rwa Kristo mu bikorwa vy’impuhwe kubabikeneye kurusha abandi.

Umwigisha mwiza, yerekana akarorero muvyo yigishije. Yesu Kristo asazwe ariwe yaremye ibimera vyose, ariko yabanje kubihezagira. Aka kari akarorero ku bigishwa biwe. Abantu benshi barakengera amasengesho y’imbere yo gufungura. Birakwiye ko ushimira Imana imbere yo gufungura kuko hari n’abandi baba babibuze.

IV. Agaciro k’ivyasengewe.

Soma umurongo wa 12na 13. Bari bamaze no guhaga ; barashobora kubireka bakigira. Umwami Yesu ategeka ko bavyegeranya. Kubizera Umwami Yesu, mugihe ubaye uri umutunzi w’ibintu, si vyiza gusesagura ivyo wahawe n’Imana mu gihe haba hari abandi babikeneye. Nico kimwe n’ibitangwa m’urusengero : amashikanwa canke ivyacumi, muvyeze canke amafaranga. Iyo biramutse

bikoreshejwe nabi mw’isesagurwa ; bibabaza Yesu kuko bene kubitanga bazobisubizwa umurengera nawe bageze mw’ijuru.

Ibiseke icumu na bibiri : Yesu yagwijije Imitsima n’amafi bikwiye abaraho bose kuburyao hategerezwa gusigara ibiseke 12 bikwiranye n’intumwa. Umwe wese na Yuda agira ico yikoreye. Imana irazi ibikenewe vyose k’ubuzima bw’umuntu.

V. Gushira mu ngiro.

Pawulo yasavye ab’i Filipi kumwigirako. Yari azi ko inzira ariko aracamwo ari yayindi Kristo yacamwo. Hari ikibazo kuri wewe : Mbega iyo uravye ingeso n’ibikorwa vyawe, ubona wohamagarira abantu n’abana bawe gukurikira inzira yawe ? Witeguye kuzosiga iki kw’isi c’akarorero abandi bazosigara barakwibukirako ?

Kahise kawe kabaye kabi ariko hamwe no gusenga, biracashoboka ko vyose ubihindura ukabitumbereza inzira ya Yesu.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.