Language

Select Wisdom Brand
 
UKURI K’UMUNTU NO KURI YESU KRISTO (Yohana 8:21-29)

UKURI K’UMUNTU NO KURI YESU KRISTO (Yohana 8:21-29)

Series: Yohana (John)
Ref: John 8:21–29

UKURI K’UMUNTU NO KURI YESU KRISTO

Yohana 8:21-29

Ijambo ngenderwako : « Tuvuze ko ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebwe. » 1 Yohana 1:8

I. Intangamarara. Mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose, abasoda 35 barafashwe bafungirwa mu mabohero ya mu Buyapani. Barakorerwa ibibi ku mibiri yabo kugeza aho bahahamuka bamera nk’abasazi. Bari baribagiranywe. Ishirahamwe croix Rouge niryo ryagenda rirangisha uwobona n’umwe muri bo.

Umuganga yabakurikirana yavuze ko batoshobora gukira atari uko babonanye n’imiryango yabo ifise ico ibaziko. Umwe muri abo yaguma abaza ikibazo uwo abonye wese ati : « Hari umuntu yoba azi uwondiwe ? » vyoshoboka ko abenshi bamwishura ko ari imfungwa y’umusirikara ivuga igifaransa, ariko we yoba yashaka kubabaza ibindi vy’ubuzima bwiwe bitamenyekanye mu Buyapani.

Biroroshe kuvuga umuntu uwariwe umurabiye inyuma : uko asa, ubutunzi afise, amashuri yize…. Ariko vyukuri umuntu nya muntu si uwo winyuma tubona. Ni uw’imbere mu mutima. Woshobora kumwita umurozi kuko ubonye ashaje canke akenye canke mbere muhwanye mw’ijoro ukibaza ko avuye gukinda ariko ugasanga uramwihenzeko cane. Ni nde yoba azi neza umutima w’imuntu ?

Abahinga berekana ko umutima w’umuntu ufise ivyumba bine :

1. Icumba ca mbere kirimwo ibintu Imana izi, mwenevyo azi n’abantu bazi ;

2. Ica kabiri kirimwo ibintu Imana izi, n’abantu bazi, mwenevyo atiyiziko ;

3. Ica gatatu kirimwo ibintu Imana izi, mwenevyo azi, abantu batazi ;

4. Icumba ca kane kirimwo Ibintu Imana izi, mwenevyo n’abantu batazi.

 

II. Inkuru mbi na nziza ku kuri k’umuntu.

Umwami Yesu agira atubwira abo turi bo :

Umuntu ni umunyavyaha akwiye igihano c’urupfu. Umur wa 24b « Kuko ni mutizera ko ndi we, muzopfira mu vyaha vyanyu » bavukiye mu vyaha, ni batizera ko ari we NDIHO bazopfira muri vyo.

Umunyamerika yitwa James Straus yashinze ishirahamwe ryigisha rikamenyereza abantu ukutazopfa. Bafise icivuga kigira giti : « Jamais à la mort= Oya ntagupfa » bakoranira i Arizona bashika 15,000 birirwa banywa inzoga baririmba ico civugo, bigishanya uko birukana urupfu.

Naho abantu bakora ubugaba bukabije, hari porogarama bubahiriza. Gupfa.

Hebur. 9:27 : « Kandi nk’uko abantu babikiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza imanza. »

Nkuko Yesu yabibwiye aba bakuru b’isinagoge, umuntu wese ni umunyavyaha. Abishaka canke atabishaka yisanga yakoze ivyaha vyomwicisha. Mu vyo avuga, muvyiyumviro, muvyo akora n’ibindi. Kubere ko aba bafarisayo banse kumwizera, nico catumye ababwira k’umurong wa 44b ati : « Mwebwe muri aba so Satani, kandi ivyo so yipfuza nivyo mushaka gukora… yamye ari umunyakinyoma » Aburahamu yari sekuru wabo wo mu mubiri ; Satani nawe aba sekuru na se wabo mu vya Mpwemu. …. Kuba umuntu yama ari umunyavyaha ni inkuru mbi.

Hari inkuru nziza : Umuntu arashobora kwitwa umugororotsi, agahabwa ingabire y’agakiza, akemererwa kuzobana n’Imana n’abamarayika mw’ijuru. Ibi si uko adacumura. Abihabwa nuko yizeye Yesu Kristo akitondera ivyo yageze. Iki nico gituma Ijambo ry’Imana ryihaniza uwo wese yubahuka gucira uwundi urubanza yibwira ko wewe ari umugororotsi.

III. Inkuru nziza y’uwo Yesu ari.

Yesu niwe kuri, inzira n’ubugingo.

Soma umurongo wa 31, 32 na 36. Kumenya ukuri, kuba umwigishwa wa Kristo no kuronka umwidegemvyo. Ibi ntahandi wobironka atari muri Yesu Kristo.

Isi ntinezererwa n’umuco kuko ibikorwa vy’ab’ayo ari ivy’umwijima. Nta kuri kuri mw’isi. Ikinyoma nico cahawe ijambo mu bisata vyose vy’ubuzima.

Nta mwidegemvyo uba mub’isi. Satani atwaza abiwe amanyama n’agahahazo. Yesu amaze kubereka ivyo vyose baca bashaka kumutera amabuye. Umur wa 59. « Baca batora amabuye yo kumutera. »

IV. Gushira mu ngiro.

Kubera ko umuntu yavukanye kamere yo gucumura, urasabwa kuraba mu cumba c’umutima wawe, ukamenya ko wizeye Kristo neza ugakora n’ivyo yakugeze. Aho niho Imana itazokwitwa umwuzukuru canke umwana wa Satani. Azokwitwa umwana wiwe. Ico kumenya ni uko inyuma y’urupfu umwe wese azotera aja iyo se aba. Mw’ijuru canke mu muriro. Inkuru nziza ni uko Yesu yataze ubugingo bwiwe kugira ngo uwumwizera ahabwe ubugingo budashira. Nawe urashobor

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.