Language

Select Wisdom Brand
 

URUPFU GITURUMBUKA RW’ABANA B’IMPFURA BA ARONI

Ref: Leviticus 10:1–11

URUPFU GITURUMBUKA RW’ABANA B’IMPFURA BA ARONI

Abalewi 10:1-11

Ijambo ngenderwako : « Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngo azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. » Abalewi 10:3b

I. Icatumye aba bahungu bapfa giturumbuka.

Aroni n’abana biwe bari bararobanuwe kugira babe abaherezi mu ngoro y’Uhoraho. Uhoraho yari yarategetse ko umuriro wo mu rugo mw’ihema uzokwama waka ijoro n’umurango. Nadabu na Abihu abahungu ba Aroni barasamara uwo muriro urabazimana, baca baja kurahura umuriro ahandi. Batavyiteze, Uhoraho ntiyabihanganiye ngo ni uko bambaye impuzu z’ubuherezi ; aca abicira aho nyene abantu bose babiraba. Aroni abibonye arumirwa ; abura uko yobigira kuko atavyizigiro vyo kubaho kwabo, yemera ko bakoze amakosa bakaba bahawe igihano cari gikwiye.

Mose abibonye ; aca yibutsa Aroni n’abandi bahungu babiri basigaye (Mishayeli na Elizafani) n’ikoraniro ryose ico Imana yavuze ku cubahiro cayo kizogaragarira mu bamwegera. Abantu baba Lewi bahabwa igikorwa co gusohora iyo mivyimba y’abaherezi bakabakura mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro.

Uhoraho ababwira ko Abaherezi bakwiye kugira ingeso zitandukanye n’izabandi bose. Aha ababuza kunywa ikiboreza icarico cose bakiri mu gikorwa. Ibi bizotuma bashobora kurobanura ivyera mu bitera, ibihumanye mu bidahumanye. Mu gihe ishengero ryahawe Mpwemu Yera ; bisaba ko abizera bose bagumana ubwenge ngo bamenye ico gukora. Ntibakanywe ikiboreza.

II. Urubanza giturumbuka hagati mu gikorane c’umugisha.

Ubuherezi bwa Aroni bwari bufise amabwirizwa abugenga kandi bwari bufise isano n’ubuherezi bwa Yesu Kristo. Umwe yaravuze ati : « Igihe umuco ukuweho, umwijima urinjira » Ibi turabibona kuri aba bahungu ba Aroni.

Abantu baba baje hano bataha banezerewe n’uko bahariwe ivyaha vyabo ; aba bahungu baba ariho bakorera icaha. Umuco ariwo munezero urahava, agahinda karinjira.

Ishavu ry’Imana ritongora aho hose no kuri uwo wese akoze icaha. Ntirirabira abubashwe.

Nadabu na Abihu baboneka ari intore imbere y’abantu, bari abana b’umuherezi mukuru, barakurikiye Mose ku musozi Sinayi, bari barasutswe ko amavuta y’ubuherezi, bari baratanguranye na se Aroni ibanga ry’ubuherezi. Vyari vyiza. Ariko bakora icaha imbere y’Imana, ntiyatevye kubica abantu barorera ; kandi bapfira muri ya myambaro, baranayibahambana.

III. Umugabane w’abaherezi.

Soma 10:12-14 Aha herekana ko muvyo Imana itunganya vyose kubayubaha, iba yaroranije vyose neza kugira ntihagire uwiheburira mu gikorwa yamuhaye. Abaherezi ntibaja kurima no kudandaza nk’abandi. Imana yari yabageneye kuzotungwa n’ibisigara ku bimazi vy’ibitungwa n’ivyimburwa bizohora bitangwa n’ishengero. Abagore n’abana babo baremererwa kubiryako, ariko uwundi akiriye atanabizi yategekwa kukiriha. Abal. 22:14 « Umuntu niyaramuka ariye kucejejwe atabizi, azokirihe, asubize umuherezi ikingana n’ico kintu yariye, akigerekeko n’ikingana n’icagatanu caco » Iri ryari itegeko ry’Imana. Umwe wese aze ahora arya ivyo yemerewe.

IV. Gushira mu ngiro.

Ubusamazi bw’aba baherezi bwatumye igikorwa gipfa ; bibasaba kwironderera inyishu ivuye ahandi ; bibaviramwo urupfu. Abizera b’ishengero barakwiye guhora basenga kugira umuriro w’Imana ntuzime ; vyohava bituma umwansi abazanira ibirahurano bivuye ahandi bikonona igikorwa. No mu rugo ni uko.

Nkuko Imana itihanganiye abo bana b’umuherezi igihe bari banyuranije n’itegeko ryiwe, niko ata mbabazi azogirira uwo wese yanka kumvira ico ijambo ryayo ryihanikiriza agahitamwo kwigumira mu vyaha. Izomucira urubanza rukwiranye n’ibigabitanyo yabayemwo akiri mw’isi.

Naho Nadabu na Abihu bari bafise ishaka mu gikorwa batoranirijwe, kubera icaha barapfuye kandi ntibazohagarara imbere y’Imana nk’abagororotsi k’umusi w’urubanza. Bazoboneka ari abanyavyaha.

Intambuko yose uriko urakora mu gikorwa c’Imana urama wiyubara gushika k’umusi wa nyuma. Ntagakiza inyuma y’urupfu. Woba waranyuranije n’Imana,

ni igihe cawe co guhaguruka ugasenga. Imbabazi z’Imana ziracahari kuko ukiriho ntagakiza inyuma y’urupfu

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.