Language

Select Wisdom Brand
 
BISHITSE UMUNTU YAKIJIJWE AKAGWA MUCAHA BIGENDA GUTE ?  (Johana 7:7-13)

BISHITSE UMUNTU YAKIJIJWE AKAGWA MUCAHA BIGENDA GUTE ? (Johana 7:7-13)

Series: Yohana (John)
Ref: John 7:7–13

BISHITSE UMUNTU YAKIJIJWE AKAGWA MUCAHA BIGENDA GUTE ?

Abaroma 7:7-13

Umurongo ngenerwako : « Nanje kera nariho, ntafise icaha. Maze icagezwe kije, icaha kirarabuka, nanje ndapfa » Abaroma 7:9

I. Intangamarara

Ni abantu bake cane (Yosefu na danieli...) tubona muri bibiliya batigeze barwa mu caha ahantu na hamwe.

Adamu na Eva baracumuye mw’itongo rya Edeni; Nowa yaraborewe amaze gusohoka m’ubwato; Aburahamu yarongoye incoreke ya mukiwe; Mose yarashavuye cane kugeza aho ata kandi ararenga amabwirizwa cumi. Dawidi yarasambanye kandi yaricishije umugabisha w’ingabo muntambara. Petero yarihakanye Yesu incuro zitatu imbere yuko Kristo abambwa. Toma yarakekeranije ko Yesu yazutse mu bapfuye inyuma yo kugendana nawe imyaka itatu. Timoteyo yaritandukanije na Paulo mu rugendo rwabo rwambere rw’ivugabutumwa.

Ntanahamwe Imana yigeze kubwira umwe muraba ko atakaje agakiza kiwe.

Ikiboneka ni uko Imana yabahanye nkuko umuvyeyi ahana umwana wiwe aguye mw’ikosa kugira amutoze indero

II. Gitozwa indero n’umuvyeyi.

Iyo waguye mu caha icarico cose hama ukakibandanya Imana izoguhana hama igutoze indero nimba warakijijwe. Nimba kuvyukuri uri umwana w’Imana, izoguhana gushika aho uzokwihana hama uyigarukeko.

Urashobora kubaza, “uti mbega vyogenda gute nko mugihe umuntu yakijijwe yogwa mucaha hama ntiyigere yihana kandi ntanagaruke ku Mana ˮ?

Abaheburayo 12 :7 havuga ngo, “Ico mukwiye kwihanganira n’ugutozwa indero nziza. Imana ibagirira nk’abana bayo.N’umwana ki, adakangirwa na se ?ˮ

Umurongo wa 08- “ariko namba mudakangirwa nk’ico abandi bose bakorerwa, mur’ibivyagwa ntimur’ubura bgayo

Muyandi majambo Imana iriko iravuga yuko ushobora kuvuga ko wakijijwe, ko wavutse ubwakabiri ariko iyo uguye mucaha ntiwigere wihana, hama ntuhanwe rero uzoba warihenze ubwawe. Umuntu atitaye kuvyuvuga, ntiwigeze kuvy’ukuri ukizwa.

Iyo wakijijwe vy’ukuri hama ukagwa mu caha haraho rimwe na rimwe uzohanwa, wihane hama ugaruke ku Mana. Atar’uko, ntiwigeze kuvy’ukuri ukizwa ubwa mbere, ntiwapfuye ku caha ariko kwabaye ukwirabika.

III. Agakiza kinjira mu Mutima.

Bibiliya iratwigisha ko agakiza gaseruka igihe Kristo yinjiye mumutima wawe. Murico gihe uba uvutse ubwakabiri ukakira “ubugingo budashiraˮ…. atari ubugingo buzohera igihe usubiye gukora icaha kandi. N’ubuhoraho. N’ubw’ibihe vyose. Nimba woshobora gutakaza agakiza kawe rero ntigahoraho. Si ubuzima “buhorahoˮ. Kandi ivyo ntibiva kubikorwa vyiza wokora. Ni ingabire.

Abanyefeso 2 :8 haravuga, “Ubuntu nibwo bwabakijije kubw’ukwizera : na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, n’ingabire y’Imanaˮ.

Yesu yavuze, “Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje nanje ndabazi nabo barankurikira kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi ntawushobora kubanshikura mukuboko kwanje.

Data yabampaye ni we aruta bose; ntawushobora kubashikura mukobo kwa Data.ˮ Yohana 10:27-29. Dukizwa kandi tugumizwa mugakiza n’ubuntu hamwe n’ubushobozi bg’Imana.

IV. Gushira mu ngiro.

Urakijijwe? Mbega urabizi neza yuko ukijijwe? Nimba ufise ugukekeranya, woshobora gusenga ubu nyene Ugaha ikaze Kristo mu mutima wawe.

Woba ushaka guha ubugingo bwawe Kristo?

Nimba ar’uko biri, Senga ubu nyene usabe Yesu Kristo aze mu mutima no m’ubuzima bwawe. Aragukiza.

Add a Comment


We hope this resource blessed you. Our ministry is EMPOWERED by your prayer and ENABLED by your financial support.
CLICK HERE to make a difference.